Uko wahagera

Kenya Izunamira Abahitanwe n'Imyuzure


Mu gihugu ca Kenya, ku musi wa gatanu uzoba ari uw’akaruhuko mu gihugu cose, mu ntumbero yo kwibuka abantu bahitanywe n’imvura y’iseganya hamwe n’imyuzure.

Prezida wa Kenya, William Ruto, ni we yatangaje ko kuri uyu wa gatanu, igihugu kizokwunamira abantu 238 bahitanye n’imyuzure, ibandanya gushika ubu.

Uyu musi ku wa gatatu, Ruto yasavye abanyagihugu gutera ibiti, mu mugambi wo kugabanya ingaruka mbi z’ihindagurika ry’ibihe.

Igihugu ca Kenya, co kimwe n’ibindi bihugu bitari bike vyo mu buseruko bwa Afrika, vyararengewe n’ibibazo vy’imyuzure. Muri iki gihe muri ico gihugu, abantu barenga ibihumbi 235 barataye izabo, kandi abenshi muri bo baba mu makampi bateganirijwe.

Uyu musi kandi Prezida Ruto yafashe ingingo yo kwugurura amashure mu gihugu cose, inyuma y’indwi zibiri yari amaze yugaye kubera imvura y’isegenya yasenyuye amashule ashika igihumbi.

Forum

XS
SM
MD
LG