Uko wahagera

Burundi: Bimwe mu Bihano vy'Umunyororo ku Bamenyeshamakuru Bigiye Gusubirizwa Ihadabu


Bamwe mu bagize Inama Nshingamateka y'Uburundi
Bamwe mu bagize Inama Nshingamateka y'Uburundi

Mu Burundi, integuro y’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru yemejwe ijana kw’ijana n’abashingamateka 112.

Muri iyo nteguro y’itegeko, aho gufunga abamenyeshamakuru bakoze amakosa y’umugwa, bazohora bacibwa ihadabu.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Léocadie Ndacayisaba yasiguriye abashingamateka ko ahanini rije kugira rijane n’ibihe igihugu kigezemwo aho gitegerezwa kugira hamwe n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Umushingamateka Jean Claude Kwizera wewe, abona ko ikibazo c’abamenyeshamakuru ata muti gitorewe kuko asanga mu Burundi hari abahanwa bivanye n’uko ivyo bavuze bitahimbaye umutegetsi runanka.

Alain Majesté Barenga, umumenyeshamakuru yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye, haba ivyandika canke amaradiyo arashima iyo ntabwe. Amenyesha ariko ko mu gihe urwego rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora, CNC, rugizwe n’abanyepolitike, ishirwa mu ngiro y’ivyemejwe, izogorana cane.

Mu runani rw’abamenyeshamakuru, UBJ, barashima iyo ntambwe igisata co kumeyesha amakuru kigezeko. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ akabona ariko ko hakiri vyinshi vyo gukosora.

Iyo nteguro y’itegeko yemejwe izoca ishikirizwa umukuru w’igihugu kugira ayitereko igikumu, ihinduke ibwirizwa.

Bishitse mu gihe uno musi hari abakenyezi babiri b’abamenyeshamakuru bapfunzwe: Floriane Irangabiye na Sandra Muhoza. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru akizera ko bazoca batezurirwa, kuko basanga nta kindi bazira atari umwuga wabo.

Integuro yemejwe ije guhinyanyura ibwirizwa ryo mu mwaka 2018. Iryo bwirizwa ryateganya mu kigabane c’umunani, ingingo 76 ko inkuru canke ikiganiro kikozwe kw’iradiyo, ibibazwa mu gihe habaye amakosa. Umumenyehamakuru yakoze iyo nkuru canke ico kiganiro n’uwaterereye barakurikiranwa.

Ingingo ya 77 nayo ikamenyesha ko ikigo CNC gifise uburenganzira bwo kugabisha canke guhagarika ikarata y’akazi y’umumenyeshamkuru canke y’ikimenyeshamkuru igihe bigaragaye ko biciye kubiri n’amategeko.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Burundi: Bimwe mu Bihano vy'Umunyororo ku Bamenyeshamakuru Bigiye Gusubirizwa Ihadabu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:21 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG