Uko wahagera

Kwiyunguruza Mu Burundi Bikomeje Kuba Ikibazo Gikomeye Kubera Ikena ry'Igitoro


Yaba ama sitasiyo ya risanse n’imodoka, ntibigira igitoro.
Yaba ama sitasiyo ya risanse n’imodoka, ntibigira igitoro.

Kwiyunguruza mu Burundi bisa n’ivyahagaze kuva kuri uyu wa mbere bivuye kw’ikena ry’igitoro. Ni mu gihe Reta y’Uburundi yo ivuga ko ata nyishu ibona kw’iryo kena ry’igitoro.

Naho Abarundi bayisaba gukora ibishoboka vyose igitoro kikaboneka kugira ngo boroherwe kwiyunguruza, biboneka ko ubuzima butagiye kworoha kuko ivyankenerwa nka vyose biriko birabura, n’ibibonetse bikazimba.

Yaba ama sitasiyo ya risanse n’imodoka, ntibigira igitoro.

Mu mabarabara uhabona imirongo miremire cane y’imodoka zirondera igitoro ahandi ukahabona abantu bariko bagenda n’amaguru, bagiye mu bikorwa vya minsi yose.

Igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo, hamenyerewe ko abantu benshi baba bariko baraja ku buzi. Nta bisi yunguruza abantu, ubona mw’ibarabara.

Ku bo bitorohera kugenda n’amaguru ku mvo zitandukanye, aho buririra bisi, usanga hari indwano n’induru. Umwe wese agwanira kwurira bisi, ngo arabe ko yoshika iyo agiye.

Haba ku ba nyagisagara ca Bujumbura n’abaja mu ntara hagati batashimye kuvugira kuri micro z’Ijwi ry’Amerika, bose bibaza ingene bigiye kugenda mu buzima bwa minsi yose. Basaba reta gukora ibishoboka vyose, ikagarukira umunyagihugu muto.

Uko abanyagihugu nka bose batabona iyo biva n’iyo bija n’uko bigiye kumera, ni ko n’abashingamateka babibona.

Basaba Umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo hagatorwa umuti urama, kwiyunguruza bigasubira nk’uko vyahoze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:28 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG