Uko wahagera

Abakoloneri 2 Bagirijwe Gushaka Kugandagura Prezida wa Ukraine


Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensksy
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensksy

Ukraine yahagaritse abategetsi babiri bajejwe umutekano bagirijwe ko bagize uruhara mu mugambi w'Uburusiya wo gushaka kugandagura Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensksy.

Ibiro bijejwe umutekano w'igihugu ca Ukraine, SBU, vyatangaje ko vyatesheje uwo mugambi.

Abo basirikare b’ipete rya koloneri bari mu nteko zijejwe gukingira Reta ya Ukraine bagirijwe ko bakoze ibikorwa vyo guhungabanya umutekano w’igihugu inyuma y’uko bahawe amafaranga n’umwansi w’ico gihugu.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu ca Ukraine ni vyo vyatangaje iyo nkuru. Uko ari babiri, bagirijwe icaha co guhemuka. Umwe muribo yagirijwe kandi gutegura igikorwa c’iterabwoba.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu vyatangaje ko umwe mu bikekwa yaronse drone zibiri n’insoro ahawe n’ibiro bijejwe umutekano w’Uburusiya, FSB.

Vyari bitegekanijwe ko abihereza uwundi bariko bategurira hamwe umugambi wo kugandagura Prezida Zelensky, kugira awushire mu ngiro. Ibiro bijejwe umutekano w’igihugu ca Ukraine, SBU, vyatangaje ko vyatesheje umugambi wo kugandagura Zelensky n’abandi bategetsi bakomeye ba Ukraine mu gihe wariko urategurwa.

Mu bandi bategerezwa kugandagurwa harimwo n’umukuru w’ibiro SBU, Vasyl Maliuk hamwe n’umukuru w’iperereza ry’isirikare ca Ukraine, Kyrylo Budanov.

Harabaye igeragezwa incuro zitari nke ryo kugandagura Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2022.

Forum

XS
SM
MD
LG