Uko wahagera

Prezida Putin Yarahiye Mu Mabanga Yo Kurongora Igihugu Mu Kiringo Kigira 5


Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya
Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kuri uyu wa kabiri, yarahiye mu mabanga yo kurongora igihugu mu kiringo kigira gatanu. Hari mu birori vyabereye ku murwa mukuru, Moscou.

Ni mu gihe igisirikare ciwe kiriko gitera gifata ibindi bice mu buseruko bwa Ukraine.

Igihe Prezida Vladimir Putin yarahira, yemeye ko azokorera inyungu z’abanyagihugu. Putin yatangaje ko Abarusiya bafatanye mu nda kandi bari hamwe bazorengera inzitizi zose mu gihe bazoba bariko bashika ku migambi yabo yose bihaye.

Yavuze ko ata nkeka bakoreye hamwe bazotahira intsinzi. Prezida Putin, afise imyaka 71, yongereje ikiringo ciwe ku butegetsi mu matora atawe bahiganywe yabaye mu kwezi kwa gatatu. Hari inyuma y’uko akandamije abanyapolitike batavuga rumwe na we.

Televiziyo ya reta y’Uburusiya yerekanye ibirori vy’ukurahira kwa Prezida Putin vyamaze isaha. Ivyo birori vyitabwe n’abatumire amajana n’amajana barimwo abashikiranganji ba reta, abashingamateka, abantu ba kirangiranwa, barimwo umukinyi w’amareresi w’umunyamerika, Steven Seagal, yashigikiye Prezida Putin mu kiringo c’imyaka itari mike.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vyo mu burengero bw’isi vyihojeje ibirori vy’ukurahira kwa Prezida Putin. Ivyo birori vyabaye umusi umwe inyuma y’uko agabishije gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda hamwe umutekano w’igihugu ciwe wogeramirwa.

Yamara yatangaje ko Uburusiya bwiteguriye kugirana ibiganiro n’amareta y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, mu gihe ayo mareta yohindura inyifato yayo ku bijanye n’igihugu ciwe.

Forum

XS
SM
MD
LG