Uko wahagera

Togo Yemeje Ibwirizwa Shingiro Rishasha Rizokongereza Ikiringo c'Umukuru w'Igihugu


Ibwirizwa shingiro rishasha rizorekurira Prezida Faure Gnassignbe kuguma ku butegetsi igihe ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka w’i 2025.
Ibwirizwa shingiro rishasha rizorekurira Prezida Faure Gnassignbe kuguma ku butegetsi igihe ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka w’i 2025.

Prezida wa Togo, Faure Gnassingbe, yateye igikumu kw'ibwirizwa shingiro rishasha ridahuriweko na bose rizokongereza ikiringo ciwe ku butegetsi.

Hisunzwe ibwirizwa shingiro rishasha, inama nshingamateka ni yo izoba ifise ububasha bwo guhitamwo umukuru w’igihugu.

Urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, rwatangaje ko umugambwe wa Prezida Faure Gnassingbe watsindiye ibibanza vyinshi cane mu nama nshingamateka, mu matora y’abashingamateka aheruka kuba kw’italiki 29 y’ukwezi kwa kane.

Ibiharuro vya mbere vy’ivyavuye mu matora vyerekanye ko umugambwe uri ku butegetsi, Union pour la Republique, watsindiye ibibanza 108 ku bibanza 113 vyo mu nama nshingamateka, n’ibibanza 137 ku bibanza 179 mu nama nkenguzamateka.

Imbere y’ayo matora, harabaye ikandamizwa ku bwigenge bw’itangazamakuru n’uburengenzira bw’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu. Reta yaraziririje imyiyerekano yo kwiyamiriza ibwirizwa shingiro rishasha ryari ryashikirijwe, yongera irahagarika abayoboye abatavuga rumwe na reta. Ibwirizwa

shingiro rishasha rirongereza kandi ibiringo vy’umukuru w’igihugu mu kuva ku myaka 5 bikaja kuri 6.

Abanyapolitike batavuga rumwe na reta n’abayoboye amadini n’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu batangaje ko ibwirizwa shingiro rishasha rizorekurira Prezida Faure Gnassignbe kuguma ku butegetsi igihe ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka w’i 2025.

Forum

XS
SM
MD
LG