Uko wahagera

Isirayeri Yigaruriye Igice Kinyuzwamo Imfashanyo Zinjira mu Karere ka Rafah


Ishirahanwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ko imfashanyo zigenewe Abanyapalestina zishobora guhagarara bivuye kw’iyugarwa ry’igice ca Rafah kiri ku rubibe na Israyeri
Ishirahanwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ko imfashanyo zigenewe Abanyapalestina zishobora guhagarara bivuye kw’iyugarwa ry’igice ca Rafah kiri ku rubibe na Israyeri

Inteko za Isirayeri zigaruriye igice co kwinjiriramwo mu karere ka Rafah, mu ntara ya Gaza.

Ibimodoka vy’ingwano vya burende vya Isirayeri ni vyo vyagenzura kuri uyu wa kabiri ico igice kiri ku rubibe na Isirayeri. Ako karere gafise akamaro gakomeye cane kandi karakoreshwa mu kwinjiza imfashanyo abanyagihugu bakeneye mu ntara ya Gaza.

Ishirahanwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ko imfashanyo zigenewe Abanyapalestina zishobora guhagarara bivuye kw’iyugarwa ry’igice ca Rafah kiri ku rubibe na Isirayeri. Ni mu gihe abategetsi bo mu ntara ya Gaza bavuze ko igice co mu buraruko bw’iyo ntara kiza gisinzikajwe bikomeye n’inzara.

Ingingo ya Isirayeri yo kwugara igice ca Rafah imfashanyo zigenewe Abanyapalesitina baho zacamwo, yafashwe amasaha makeyi inyuma y’uko umurwi Hamas, ku musi wa mbere, utangaje ko wemeye amasezerano yo guhagarika ingwano na Isirayeri. Ayo masezerano yashikirijwe n’ibihugu vya Misiri na Katari. Yamara Isirayeri yamenyesheje ko ayo masezerano atubahiriza ibintu bikomeye yasavye.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, ku musi wa mbere, yarasubiye kugabisha umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, amubuza gukora ibitero mu gisagara ca Rafah.

Hari inyuma y’uko Isirayeri itegetse ko Abanyapalestina 100.000 bava mu bice vy’ico gisagara.

Forum

XS
SM
MD
LG