Uko wahagera

Amashirahamwe yo mu Burundi Yitwariye u Rwanda muri Sentare ya EAC


Uburundi bwemeza ko igitero c'umuhari w’abarwanyi RED-TABARA cahitanye abantu barenga 20 mu Gatumba mu mpera z’umwaka uheze.
Uburundi bwemeza ko igitero c'umuhari w’abarwanyi RED-TABARA cahitanye abantu barenga 20 mu Gatumba mu mpera z’umwaka uheze.

Amashirahamwe atandatu ategemiye kuri reta y’Uburundi yitwariye u Rwanda muri sentare y’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, EAC, ivyo bihugu bisangiye.

Ayo mashirahamwe yagiriza u Rwanda ko rushigikiye umuhari w’abarwanyi RED-Tabara mu gitero cahitanye abantu barenga 20 mu Gatumba mu mpera z’umwaka uheze.

Ayo mashirahamwe asabira indishi y’akababaro imiryango yabuze ababo, ingana n’imiliyaridi 3 z’amadolari ya Amerika. Ijwi rya Amerika ryaronse ikopi ivuye muri iyo sentare iri I Arusha muri Tanzaniya yerekana ko urubanza rwakiriwe kandi ko igihugu c’u Rwanda cabimenyeshejwe.

Icegera c’umuvugizi wa reta y’u Rwanda, Alain Mukuralinda, yatangaje ko ico kirego ata shingiro gifise kuko reta avugira ata ruhara ifise mu bitero bibera mu Burundi.

Bamwe mu bakurikirana imanza zibera muri uru rukiko rwa EAC bavuga ko ico ayo mashirahamwe agamije atari ahanini kuronka izo ndishi z’akababaro, ahubwo ko ari mu ntumbero yo gucafuza igihugu gifitaniye umubano mubi n’Uburundi.

Amashirahamwe yitwariye u Rwanda muri sentare y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ni Folucon FACOPA-Burundi, Ligue Izere Ntiwihebure, ONLCT-Où Est Ton Frère, Pisc -Burundi n’irindi ryitwa ABA. Ikirego cashikanywe muri iyo sentare mu kwezi kwa kane guheze.

Urwandiko rw’ikirego, Ijwi rya Amerika ryaronse, ruvuga ko ayo mashirahamwe, yitwaye kuko ku bwayo igihugu c’u Rwanda cahonyanze amasezerano agenga uwo muryango mu vyerekeye umutekano. Mu kirego cayo, ayo mashirahamwe ashimangira ko u Rwanda ari rwo ruhaye indaro umurwi w’abarwanyi RED-Tabara wemanze ico gitero.

Ijwi ry’Amerika ryaronse urwandiko rwerekana ko urubanza rwakiriwe na sentare ya EAC kandi ko n’igihugu c’u Rwanda camenyeshejwe ko cokwitegura kwitaba igihe sentare izosasira.

Umuhari RED-Tabara, wemanze ico gitero, na wo wabwiye Ijwi rya Amerika ko izo manza ataco zibabwiye. Bipfuza ko imbere y’iyo nzira, hokorwa amatohoza yimbitse kuko bahakana ibitigiri vy’abo bishe.

Ingingo za 27 na 30 z’amategeko agenga umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ziraha ububasha amashirahamwe yigenga canke umuntu ku giti ciwe kuyitwarira.

Yamara, Umushingwamanza Dieudonné Bashirahahishize yama yaburanye imanza zitandukanye z’amashirahamwe yigenga muri iyo sentare, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko izo manza zisaba ukwitonda no gukora amatohoza ahuriweko na bose kandi ataho yegamiye.

Uburundi mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka bwasohoye imitahe mpuzamakungu yo gufata abarongoye umuhari Red-Tabara.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:29 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG