Uko wahagera

SAF: Abakozi Barenga 40 Bafatiwe mu Bisigarira vy'Inyubakwa y'Igorofa


Abo ni bamwe mu babonye iyo nyubakwa isenyuka
Abo ni bamwe mu babonye iyo nyubakwa isenyuka

Muri Afrika y'epfo, abakozi barenga 40 bafatiwe mu bisigarira vy'inyubakwa y'igorofa yariko irubakwa, Iyo gorofa yasenyutse kuri uyu wa mbere mu gisagara citwa George, mu gisagara kiri ku nkengera y'ibahari. Abandi bakozi 40 bakomeretse.

Abakozi bakomeretse bajanywe mu bitaro. Yamara nta birenga aho abategetsi batangaje buno nyeye ku vyerekeye abo bakozi bakomeretse. Ibinyamakuru muri Afrika y’epfo vyamenyesheje ko abakozi batari musi ya batanu bakomeretse bikomeye cane.

Iyo nyubakwa y’igorofa yasanyutse gatoyi inyuma y’isaha umunani zo ku mutaga mu masaha yo mu gisagara ca George, kiri hafi y’ibilometero 400 mu buseruko bw’igisagara ca Cape town, mu bumanuko bwa Afrika y’epfo, ku nkengera z’ibahari y’Abahindi.

Abategetsi bavuga ko abakozi bagera kuri 48 bagifatiwe mu bisigarira vy’iyo nyubakwa yasenyutse, bifatiye ku gitigiri c’abakozi bari aho yariko irubakwa. Umukuru w’igisagara ca George, Chantel Edwards-Klose, ni we yatangaje iyo nkuru. Abakozi 70 muri ni bo bariko bakora kuri iyo nyubakwa nshasha y’igorofa igihe yasenyuka.

Utwigoro two gutabara abafatiwe mu bisigarira vy’iyo nyubakwa turabandanya. Abategetsi b’igisagara ca George batangaje ko abakozi bajejwe gutabara 80 bamaze gushika aho iyo mpanuka yabereye, mu gihe abandi 53 bariko batera bajayo, bavuye mu bisagara biri hafi yaho. Reta yo mu ntara ya Western Cape yatangaje ko iriko ikwirikiranira hafi uko ibintu vyifashe. Yararungitse uburwo bwo gutabara mu buryo bwihutirwa.

Umuyobozi w’intara ya Western Cape, Alan Winde yatangaje ko ibikenewe vyose vyarungikiwe abajejwe gutabara mu buryo bwihutirwa. Yavuze ko muri iki gihe abategetsi barajwe ishinga no gutabara aboba bakiri bazima.Winde yavuze ko Reta ya Afrika y’epfo yamenyeshejwe amakuru yerekeye iyo ku mpanuka yo kuri uyu wa mbere. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG