Uko wahagera

Igihugu ca Cadi Catunganije Amatora ya Prezida


Itora rya prezida mu murwa mukuru N'djamena
Itora rya prezida mu murwa mukuru N'djamena

Uyu musi ku wa mbere Abanyacadi bitavye amatora y’umukuru w’igihugu, afise intumbero yo kurangiza intwaro ya gisirikare yari irongoye na prezida w’imfatakibanza, Mahamat Deby Itno.

Deby Itno yafashe ubutegesi inyuma y’aho se yatwaye igihugu mu kiringo kirenga imyaka 30 yitabiye umuremyi. Yiciwe ku rugamba n’abarwanya ubutegesi mu 2021.

Mu mwaka uheze, reta yaratangaje ko igiye kwongereza imyaka ibiri ku kiringo c’imfatakibanza cari kimaze amezi 18. Iyo ngingo yaciye ituma mu gihugu hose haduka imyiyerekano yo kuyiyamiriza.

Abanyapolitike bariko barahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ni 10, harimwo umupfasoni. Abiyandikishije gutora ni imiliyoni 8 ku miliyoni 17 z’Abanyacadi. Vyitezwe ko Prezida Deby Itno atsinda ayo matora.

Umunyapolitike yari akomeye atavuga rumwe n’ubutegetsi, Yaya Dillo, akaba na muvyara wa Deby Itno, yaragandaguwe mu kwezi kwa kabiri mu buryo budasobanutse.

Forum

XS
SM
MD
LG