Uko wahagera

Prezida wa Ukraine ku Rutonde rw’Abaronderwa n’Ubutungane bw’Uburusiya


Prezida w'Uburusiya ( I Bubamfu), uwa Ukraine ( I Buryo)
Prezida w'Uburusiya ( I Bubamfu), uwa Ukraine ( I Buryo)

Uburusiya bwashize prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ku rutonde rw’abaronderwa n’ubutungane bw’ico gihuhugu.

Nta vyinshi ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burusiya bwatangaje ku vyaha Prezida Volodymyr Zelensky yagirizwa. Gusa, izina ryiwe ryashizwe ku rutonde rw’abo Uburusiya bwagiriza muri rusangi ubugizi bwa nabi burimwo ubwicanyi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu, bwafashe ingingo y’Uburusiya “nk’ikimenyetso co kwihebura, n’uguhererwa n’amarementanya bwokoresha kugira buvugwe.”

Abandi babonetse ku rutonde rw’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburusiya, barimwo umukuru w’ingabo zirwanira ku butaka muri Ukraine, Oleksandr Pavliuk, na Petro Poroshenko yahoze atwara Ukraine.

Kuva Uburusiya butangura kugaba ibitero muri Ukraine mu 2022, Prezida Volodymyr Zelensky yakomeje kuza imbere mu bo butikoza. Ingwano imaze umunsi umwe itanguye, Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yasavye ashimitse ingabo za Ukraine kumukombora.

Prezida Volodymyr Zelensky, ubwiwe na we yivugiye ko “mu mwaka uheze, yamenye amakuru y’ibitero 6 Uburusiya bwari bwateguye kugira bumugandagure, ariko bikaburizwamwo imbere yo kuba”. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG