Uko wahagera

RSF: Ubwigenge bwo Kumenyesha Amakuru mu Burundi Burabangamiwe


Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi buracumbagira. Vyerekanwa na raporo yasohowe n'ishirahamwe ry’abanyamakuru batagira imbibe RSF kuri uyu munsi wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru kw'isi.

Mu gihe Uburundi bufise abamenyeshamakuru 2 b'abagore bafunzwe, Ishirahamwe RSF naryo rikemeza ko impinga mu vyo kubahiriza agateka ka zina muntu muri ico gihugu ikiri ndende, abanyamakuru baganiriye n’Ijwi ry'Amerika bavuga ko gukora uwo mwuga bitoroshe na gato.

Raporo ya RSF y'uyu mwaka yerekana ko Uburundi bwatakaje amanota; bufise amanota 51.78 mu gihe ku mwaka uheze bwari bufise 52.14. Ni mu gihe ubu Uburundi buri ku kibanza c’108, ku mwaka uheze bwari ku kibanza c’114 ku bihugu 180 vyakozweko amatohoza kw’isi.

RSF risigura ko n’aho Prezida Evariste Ndayishimiye yerekanye utwigoro two gutezurira abamenyeshamakuru agishika ku butegetsi, iyo ngendo yamaze umwanya urume rumara, kuko ku ntwaro yiwe hamaze gufungwa abamenyeshamakuru babiri, abandi bagaterwa ubwoba bakabuzwa gukora inkuru zimwe na zimwe.

RSF rivuga ko urwego rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru, CNC, rumeze nk’umwungere atera ubwoba izo aragiye. Ryongerako ko n’amategeko atorohereza abamenyeshamakuru cane cane gushikira inkuru hamwe n’ibihano bahabwa iyo bakoze ivyaha vy’umwuga.

Hakiyongera abamenyeshamakuru barenga 100 bahunze kuva mu mwaka w’2015 n’ubu bataratahuka, ico RSF ivuga ko ari umutekano muke ku bakora umwuga wo kumenyesha amakuru.

Mu gihe Uburundi bwegereje ibihe vy’amatora y’abashingamateka mu mwaka uza w’2025 n’ay’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2027, abakora uwo mwuga bavuga ko ico cuka kibateye impungenge.

Bamwe mu bamenyeshamakuru bari i Bujumbura bifuza ko iyo ngendo yo gutera ubwoba abamenyeshamakuru yohagarara maze bagakora umwuga wabo ataco binona.

Sendika y’abamenyeshamakuru mu Burundi yoyo ibabajwe n’uko inzego zijejwe kuvugira abakora uwo mwuga zica amatwi hageze kurengera uburenganzira bw’abamenyeshamakuru.

Muri Republika ya demokarasi ya Kongo n’aho nyene si yororo kuko RSF ryerekana ko abamenyeshamakuru bakubagurwa, bagaterwa ubwoba, bakicwa. Akarorero ka hafi ni aka Stanislas Bujakera aheruka gufungurwa inyuma y’amezi indwi afunzwe azira umwuga wiwe.

Igisata ca Afrika muri RSF congerako ko ibihugu bifunga abamenyeshamakuru bicafuza isura y’avyo. Sadibou Marong, atwara akarere ko munsi y’utayu bwa Sahara ahamagarira ama reta ya Afrika gufungura abamenyeshamakuru bari mw’ibuye.

Yagize ati: Twarabonye ibintu bitangaje nk’umumenyeshamakuru yaciriwe imyaka 10 mu Burundi, uwundi aheruka gutabwa muri yombi, bagirizwa ivyaha biteye ubwoba nk’aho womenga ni abakora iterabwoba n’ibindi, abandi baraburiwe irengero ndetse n’abahunze igihugu. Muri Kongo ni nk’uko abamenyeshamakuru mu ntara ya Kivu y’uburaruko barabwa nk’abansi b’igihugu. Ivyo bihugu bikwiye kwikubita agashi abafunzwe bagafungurwa.

Mu burasirazuba bwo hagati, Palestina ni umwihariko ku vyerekeye itangazamakuru. Ico gice c’isi cahindutse nk’akaburi k’abamenyeshamakuru, aho mu kiringo c’amezi 7 aheze, abarenga 100 biciwe mu ntambara ya Gaza, Isiraheri yagavye ku mutwe w’iterabwoba wa Hamas.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

RSF: Ubwigenge bwo Kumenyesha Amakuru mu Burundi Burabangamiwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:23 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG