Uko wahagera

Igitero c'Abitwaje Inkoho ku Modoka ya Croix Rouge muri Sudani Cahitanye 2


Ishirahamwe Croix Rouge ryatangaje ko igitero cakozwe n’abantu bitwaje inkoho ku mudoka zikwirikirana zaryo mu ntara ya Darfur muri Sudani, carahitanye ubuzima bw’abadereva babiri, vyongera bikomeretsa uwundi mukozi waryo ejo ku musi wa kane.

Izo modoka zari zitahukanye umurwi w’abari bavuye mu gisagara ca Layba kwirabira ivyo abanyagihugu bo muri ako gace bagaramiwe n’ingwano, bakeneye, igihe zaterwa.

Ingwano imaze umwaka urenga hagati y’abasirikare ba Sudani hamwe n’umurwi witwaje ibigwanisho uzwi kw’izina rya Rapid Support Forces, iramaze gutuma abanyagihugu barenga imiliyoni umunani n’igice bata izabo.

Iyo ngwano yaratandukiye umurwa mukuru wa Sudani, aho yatumye abanyagihugu badasangiye amako batana mu mitwe.

Iryo shirahamwe Croix Rouge ntiryadomyeko urutoke abikekwa ko bakoze ico gitero. Yamara ryateye akamo gasaba gukingira abasivile hamwe n’abakozi b’amashirahamwe atabara imbabare.

Forum

XS
SM
MD
LG