Uko wahagera

Abantu Hafi 1.500 Barishwe mu Burundi mu Myaka Itatu Iheze - Ligue Iteka


Anschaire Nikoyagize atwara Ligue Iteka
Anschaire Nikoyagize atwara Ligue Iteka

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka rihamagarira reta y’Uburundi gukora amatohoza yimbitse ku bagandaguye abantu hafi 1.500 rivuga ko hatigeze hamenyekana ababishe mu kiringo c’imyaka itatu iheze Prezida Evariste Ndayishimiye amaze ari ku butegetsi.

Mu cegeranyo ryashize ahabona, Ligue Iteka risigura ko ari ugushaka guke kwa reta kuko ifise inzego zikwiye n’uburyo bwo gukora ayo matohoza.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uri muyagirizwa ayo mabi, wowo wishura ko abenshi bicana mu kibano, ko ata mvo za politike zirimwo n’aho Ligue Iteka ryemeza ko nka bose bazira ivyiyumviro vy’abo vy'uko badashigikiye ubutegetsi buhari.

Ligue Iteka risigura ko ari ingendo yo kudahana ivyaha no gukingira ikibaba abakekwako ubwo bubisha. Muri raporo ryashize ahabona, riragaruka ku matohoza ryakoze yerekana amazina y’abishwe, aho biciwe, abakekwako ubwo bwicanyi, baba abo mu nzego za reta canke mu rwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Igice ca mbere c’iyo raporo kirimwo abantu rivuga ko urupfu rwabo rurimwo ukuboko kw’inzego za reta. Igice ca kabiri c’iyo raporo, kirimwo abantu hafi 1.200 batowe ibiziga. Ligue Iteka rikibaza igituma ata matohoza akorwa ngo hatangwe ibihano kandi reta ifise inzego zikwiye zoyakora.

Umugambwe uri ku butegetsi ukomokamwo inzego nka zose z’igihugu uriyamiriza amaraporo nk’ayo wita ko ari ay’ikinyoma.

Ligue Iteka ryerekana ko abishwe bose bazira ivyiyumviro vya politike, cane cane abatavuga rumwe na reta, abaharanira agateka ka zina muntu, ndetse n’abo mu mugambwe uri ku butegetsi batemera ibikorerwa mu gihugu.

Yamara umugambwe uri ku butegetsi wowo, n’aho wemera ko hari abantu bicwa, urahakana iyo mvo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Abanyamashengero nka Ekleziya Katolika baherutse gutangaza ko ico cuka kibi kiri mu gihugu, kibateye impungenge.

Ivyo na Musenyeri Simoni Ntamwana, ari mu kiruhuko c’iza bukuru yahoze arongoye Diyoseze nkuru ya Gitega, afatwa nk’umwubahwa mu gihugu avyita ko ari igihugu kitubahiriza amategeko. Yabishikiririje kw’Ijwi rya Amerika mu kiganiro cihariye aheruka kuriha.

Ijwi rya Amerika ryabajije umuvugizi wa Reta y’Uburundi Jérome Niyonziza, maze na we ntiyashima kugira ico abivuzeko. Twanamurungikiye iyo raporo, yamara ntaco yatwishuye.

Ishirahamwe Ligue Iteka, ryirukanywe mu Burundi, inyuma y’intureka za politike mu mwaka w’2015. Yamara, ivyegeranyo vyaryo vyama vyisunzwe n’ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu mu gihe buriko burakora icegeranyo c’umwaka k’ukuntu iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG