Uko wahagera

U Rwanda Ruhakana Ivyagiriji vya Kongo muri Dosiye y'Amabuye y'Agaciro Apple y'Amerika Ikoresha


Ikimenyetso kiranga Apple
Ikimenyetso kiranga Apple

U Rwanda rutangaza ko ivyagiriji vya Republika ya Demokarasi ya Kongo, muri dosiye y’amabuye y’agaciro ya Kongo mu ruganda Nyamerika Apple, ata shingiro bifise.

Kongo yemeza ko Sosiyete Apple, iza mu za mbere zikomeye muri Amerika mu guhingura ibidandazwa vyayo birimwo amamashini nyabwonko, amaterefone, amasaha n’ibindi yifashisha amabuye y'agaciro yacukuwe ku butaka bwayo biciye mu nzira zitemewe n’amategeko.

Ku wa kane w’ino ndwi, ababuranira Republika ya Demokarasi ya Kongo muri ino dosiye, bemeje ko Apple “igura amabuye y’agaciro aba yacukuwe mu burasirazuba bwa Kongo, akagera ku butaka bw’u Rwanda, yavanyweko ibimenyetso vyose vyerekana ingene yashitse muri ico gihugu, imbere y’uko Apple iyifashisha mu rudandaza ikorera kw’isi yose.”

Madamu Yolanda Makolo avugira reta y’u Rwanda, ejo ku wa gatanu yateye ivyatsi ivyo vyagiriji vya Kongo, yashize mu rukurikirane ry’ico yise “ Ivyagiriji bitagira ishingiro, Kongo yifashisha kugira ivugwe mu bimenyeshamakuru biciye kuri imwe mu masosiyete ya rutura kw’isi, Apple.”

Yolanda Makolo, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP, Ijwi ry'Amerika rikesha ino nkuru ati: “ Ubu, ni bumwe mu bubeshi bwa Reta ya Kongo, bugamije gusamaza amakungu biciye mu kurementanyiriza u Rwanda."

Sosiyete Apple yo muri Amerika, yahakaniye AFP ivyagiriji yagirizwa, aho yavuze ko inyishu yayo iri muri raporo yayo yo mu 2023, mu gice citwa “ Amabuye y’agaciro mu Matati.”

Forum

XS
SM
MD
LG