Uko wahagera

U Rwanda Rusaba Abanebagura Umugambi w'Abimukira Kubirekera Ubwongereza na Rwo


Reta ya Prezida w'u Rwanda, Paul Kagame, kuri uyu wa gatanu, yatangaje ko izokwakira abimukira bose Ubwongereza buzorungika ku butaka bwayo. Yasavye abanebagura umugambi wo kwirukana abimukira mu Bwongereza bakarungikwa ku butaka bw’ u Rwanda, kureka muri iki gihe ivyo bihugu vyompi, bikabandanya kuwushira mu bikorwa.

Icegera c’umuvugizi wa Reta y’u Rwanda, Alain Mukuralinda yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko reta y’u Rwanda ifise ubushobozi bwo kwakira ibitigiri ivyo ari vyo vyose bizoshikirizwa vy’abimukira bazoshika mu Rwanda, haba ejo canke hirya y’ejo. Yavuze ko u Rwanda rutaramenya amatariki canke ibitigiri vy’abo bimukira bazorungikirwako.

Alain Mukuralinda yatangaje ko muri kiringo c’imyaka 2, abanebagura umugambi w’Ubwongereza wo kurungika abimukira mu Rwanda bavugije urwamo mu gihe ata yindi nyishu bariko barashikiriza. Yasiguye ko muri iki gihe urwo rwamo rwarangiye. Ku bwiwe, abanebagura iyo ngingo ntibashobora kuvuga ko itazokuraho ibibazo vyose. Yabasabye kureka Ubwongereza n’u Rwanda bikayishira mu ngingo.

Abajijwe ukugene u Rwanda ruzokwishura niyo sentare ijejwe agateka ka muntu y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya yategeka ko kwirukana abimukira bihagarikwa, Ubwongereza bukavyohoza, Mukuralinda yatangaje koi co gihugu ari co cerwa n’ivyerekeye gutorera inyishu ico kibazo. Yavuze ko ata na kimwe bafise bavuga canke banebagura ku bibazo biraba Reta y’Ubwongereza. Yatangaje ko niyo Ubwongereza bwatsindwa mu masentare, u Rwanda ruzokwubahiriza ingingo zizoba zafashwe. (REUTERS )

Forum

XS
SM
MD
LG