Uko wahagera

Amerika Igabisha Ubushinwa ku Mfashanyo ya Gisirikare Buha Uburusiya


Prezida w'Ubushinwa kumwe n'uwa Amerika
Prezida w'Ubushinwa kumwe n'uwa Amerika

Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yagabishije Ubushinwa ku mfashanyo buha Uburusiya.

Blinken uyu musi ku wa gatanu yavuze ko Amerika itewe amakenga n’imfashanyo ya gisirikare Ubushinwa buha Uburusiya. Yaboneyeho akanya ko kugabisha abategetsi barongoye Ubushinwa ko reta ya Amerika ishobora kubafatira ibihano.

Blinken yashikirije ubwo butuma ari mu Bushinwa, inyuma y’aho abonaniye na prezida w’Ubushinwa Xi Jinping hamwe n’abandi bategetsi bakomeye b’ico gihugu. Cari igihe c’inama yabahuje yariko yiga ku bibazo bitandukanye ivyo bihugu bibiri bidahurijeko.

Ikibazo nyamukuru kiraje ishinga reta ya Amerika, nk’uko Blinken yabishikirije, ni ubuhinga hamwe n’ibikoresho Uburusiya bwifashisha mu gukora ibigwanisho vyo mu ntambara burimwo muri Ukraine. Amerika ivuga ko butangwa n’Ubushinwa.

Blinken yagize ati: “ Nabwiye Prezida Xi ko mu gihe Ubushinwa butohagarika iyo nyigfato,, twebwe tuzoyihagarika.”

Abategetsi ba reta ya Amerika bamaze indwi zitari nke bagabisha ko bashobora gufata ingingo zizotuma inyifato y’Ubushinwa yo gufasha Uburusiya gukomeza ingwano yabwo muri Ukraine ihagarara. Gushika ubu, ntawe wuzi aho Reta ya Amerika izoshika mu gufatira ibindi bihano Ubushinwa, inyuma y’aho ifatiye ingingo ibuza amabanki yo muri Amerika gukorana n’ico gihugu. Yamara izindi ngingo zifatiye ku butunzi zishoboa no kubangamira ubutunzi bwa Amerika.

Ubushinwa burahakana ko bufasha Uburusiya mu bijanye n’igisirikare. Buvuga ko ikintu conyene buriko burakora ari kubandanya amasezerano y’ubudandaji gifitaniye n’ico gihugu.

Prezida Xi Jinping ntiyagarutse ku ngwano hagati y’Uburusiya na Ukraine, ahubwo yashimikiye ku kamaro gahambaye ko kubandanya kunagura imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa.

Prezida Xi yagize ati: “Ubushinwa na Reta zunze ubumwe za Amerika bikwiye kuba ibihugu bikorana neza, aho kuba ibihugu bihiganwa. Bikwiye kuba ibihugu bifashanya mu guteza imbere imigambi yavyo, aho kuyibangamira. Bikwiye kuba ibihugu vyama biriko birondera umwumvikano n’uburyo bwo gukemura amatati hagati yavyo, aho kwama biriko biragwana.”

Iyo nama hagati ya Blinken na Prezida Xi ntiyari yatangajwe imbere y’igihe, ariko yari yitezwe. Naho Reta zunze ubmwe za Amerika n’Ubushinwa bibandanya kuganira, hari ibibazo bitari bike gushika ubu, bitarumvikanwako. Ivyo birimwo amatati ku vyerekeye ubudandaji hamwe n’umwumvikano muke ku bijanye n’intara zimwe zimwe.

Forum

XS
SM
MD
LG