Uko wahagera

Burundi: Mu Rumonge Abantu Bababa 3000 Basenyewe n'Umusozi Barasaba Ubufasha


Abantu bababa ibihumbi bitatu bo ku mutumba wa Gabaniro muri komine ya Muhuta mu ntara ya Rumonge bari mu kangaratete kukubura uburaro n’ibindi vyankenerwa mu kubaho. Ni inyuma yaho bahuye n’ivyago bivuye kw’ihindagurika ry’ibihe, kuri uyu wa gatanu uheze umusozi ukishika kugeza usenyaguritse ugahitana abantu n’ibintu. Muri kino gihe, basaba ubufasha bw’ibintu bitandukanye mu maguru masha.

Muri abo bahuye n’ikiza harimwo n’abagendana ubumuga butandukanye. Isoko ryacu igihe ryajayo kuri uyu wa 2, ryasanze bagandagaje hanze bamwe bifumbereje, abandi baryamye mu masomero y’amashure ku birago bishashe hasi kw’isima. Abakenyezi bamwe bamwe bariko barateka. Abandi barira kubera agahinda k’ubuzima babayemwo.

Abasaza bavuga ko ari ingorane zikomeye kuri bo kuba mubuzima bwo kuryama hasi canke bwo kubura ico bafungura. Ntiziyoruva Juvan ni umwe mubagendana ubumuga bwo kutabona yaje ava kugacimbiri Mparo.

Uwundi mugwi ubangamiwe no kuba muri buno buhungiro ni abana bakiri bato. Bakinira kunkengera y’ikiyaga Tanganyika, maze bigatera umutima uhagaze abavyeyi kuko bashobora gusoma nturi canke bakaribwa n’ingona. Hambavu yo kubura infungurwa, ntamisegetera bafise yo kwifuka igihe baryamye bagashobora kubangamirwa n’ingwara ya malariya.

Umusozi wangirije abanyagihugu
Umusozi wangirije abanyagihugu

Kuri uyu wa kabiri ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge, ryari ryabashiriye amazi mu modokari. Gusa, abasanzwe barongoye abahuye n’ivyago bavuga ko ata n’ica gatatu cabo cayarose kuko batashoboye kuronka ico bayavomamwo. Bavuga ko Croix Rouge yabemereye kugaruka bukeye bwaho kuraba ko barose ibivomesho. Ni mu gihe hakenye amazi kuburyo bakoresha aya Tanganyika. Ayo nayo, uwarasanzwe abarongoye ku mutumba wa Gabiro, avuga ko ayo mazi ya Tanganyika ashobora kubazanira akaramabaraye narirya ico kibanza gifise ubuzu butarenga 2.

Inyuma y’iminsi 5 aba banyagihugu bo ku mutumba wa Gabaniro bahuye n’akaje karamana, ntawuramenya neza igitigiri cabo neza. Icibagiwe coco ni kumenya ibitigiri bigizwe n’abana, abakenyezi hamwe n’abagabo. Musitanteri wa komine Muhuta Scolastique Niyonsavye asigura ahanini ko biva ku mvo z’ikena ry’umuyagankuba.

Ikimaze kumenyekana ni ibiharuro vy’infatakibanza vy’abana babanyeshure baharurwa hafi igihumbi bahagaritse kwiga kuva itariki 19 z’uku kwa kane kuva izo ngorane zishika. Abo nabo bagizwe n’abana babakobwa barenga 500 hamwe n’abahungu barenga ama 400. Innocent Nibaruta ni we arongoye ishure shingiro rya Kirasa rimwe muri 2 yugaye muri kino gihe kuko umusozi utaraheza gushunguruka.

Gushika ubu, infashanyo imaze gushikira aba banyagihugu ni infungurwa y’umuceri yatanzwe na reta. Nawone abaserukira abandi bavuga ko hari imiryango igera hafi icakane itashikiriwe. Intara ya Rumonge iri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu, si irya irya mbere imitumba yayo ibangamirwa n’ugusenyagurika kw’imisozi. Ibarabara rya Bujumbura Rumonge niryo ryama ryabangamiwe. N’ubu, abaricamwo bamana umutima uhagaze. Ureste naho, n’izindi ntara na cane cane nka Bujumbura mu duce tumwe tumwe harimwo n’ikiyaga Tanganyika abahegereye ntagahengwe bafise

Forum

XS
SM
MD
LG