Uko wahagera

Bostwana Yaranse Umugambi wo Kwakira Abimukira Bavuye mu Bwongereza


Bostwana yariyamirije umugambi w'Ubwongereza uyisaba kwemera kwakira abasaba ubuhingiro bavuye ku butaka bw’Ubwongereza. Uwo mugambi usa n'uwo u Rwanda rwemeye.

Muri Botswana muri iyi ndwi, urunani rw’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu rwasavye reta kwiyamiriza umugambi washikirijwe n’Ubwongereza wo kurungika abimukira ibihumbi n’ibihumbi muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Lemogang Kwape, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abategetsi b’Ubwongereza basavye Reta ya Botswana kwakira abo bimukira. Yamara yavuze ko abategetsi b’igihugu ciwe biyamirije uwo mugambi kubera batazi iherezo ryawo. Asaba Reta y’Ubwongereza kwubahiriza amategeko mpuzamakungu.

Inama nkenguzamateka y’Ubwongereza, ku musi wa mbere yaremeje itegeko rizorekurira reta y’ico gihugu kwirukana abimukira ivuga ko binjiye ku butaka bwayo mu buryo butarekuriwe n’amategeko. Abo bimukira bazorungikwa mu Rwanda. Iyo ngingo yaranabaguwe n’abaharanira agateka ka muntu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abategetsi b’Ubwongereza batangaje ko bashaka guhagarika abasaba ubuhungiro bashika ku butaka bw’ico gihugu baje mu bwato. Benshi muri bo baba baturutse ku migabane ya Aziya na Afrika. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG