Uko wahagera

Uburusiya Bwagiriza Ukraine Gukwiragiza Imiriro ku Butaka Bwayo Biciye mu Bitero


Abategetsi b'Uburusiya, kuri uyu wa gatatu, batangaje ko ibitero vya drone vya Ukraine ku butaka bwayo vyatumye imiririro yaduka mu ntara zitari nke mu burengero bw'igihugu.

Vasily Anokhin, bulamatari w’intara ya Smolensk, mu butumwa ku rubuga, Telegram, yavuze ko imiriro yadutse mu bice vya Smolensk na Yatsevo. Yamara ko ata bakometetse. Bulamatari w’intara ya Voroszezh, mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburusiya, yavuze ko ibisigarira vya drone yasambuwe vyasenyuye inzu, bituma umuriro waduka.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje ko ibikoho birasa indege, misile na drone vy’ico gihugu vyasambuye drone yari mu kirere hejuru y’akarere ka Smolensk, n’izindi zibiri mu kirere hejuru y’intara ya Voronezh, mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatatu.

Inteko z’Uburusiya zasambuye kandi izindi drone zibiri zari mu kirere hejuru y’intara ya Belgorod, n’izindi zitatu mu kirere c’intara ya Kursk. Izo ntara zompi zihana urubibe na Ukraine.

Muri Ukraine naho, abategetsi bo mu ntara ya Kharkiv, kuri uyu wa gatatu, bavuze ko Uburusiya bwarashe misile mu gisagara ca Kharkiv, zakomerekeje abantu batari musi ya batandatu. Bulamatari w’intara ya Kharkiv, Oleh Synebuhov, yavuze ko izo misile zononye inyubakwa abanyagihugu babamwo hamwe n’izindi nyubakwa zitanu. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG