Uko wahagera

Kenya: Umurwa Mukuru Nairobi Ugeramiwe n'Imyuzure


Imvura y'isegenya n'imyuzure vyageramiye ibice vyinshi vyo ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatatu.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe gutabara, OCHA, ryavuze ko abantu batari musi ya 32 bapfuye, mu gihe abandi barenga 40.000 bategerejwe kuva mu ngo zabo kubera imvura y’isegenya n’imyuzure.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufaransa, AFP, ryatangaje ko uruzi Athi, ruza ubwa kabiri mu burebure muri Kenya, rwuzuye rurarenga inkombe zarwo. Amazi yarenze inkombe y’urwo ruzi yabujije imodoka kurengana mu mabarabara.

Ishami ry’ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, rikorera muri Kenya, mu butumwa ku rubuga X, ryavuze ko amabarabara n’ibiraro vyageramiwe n’imyuzure. Vyatumye imodoka zuzurana mu mabarabara makuru makuru. Iryo shirahamnwe ryatangaje ko abajejwe gutabara bariko bimurira imiryango mu bice bitageramiwe n’iyo myuzure.

Ishirahamwe ry’amagari ya moshi muri Kenya ryatangaje ko ryabaye rirahagarika amatereni atwara abantu. Ryavuze ko imvura y’isegenya yageramiye amayira ayo matereni akoresha. Ibice bitari bike vyo muri Kenya no mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko vyarageramiwe n’imvura y’isegenya y’urutavanako yaguye mu ndwi ziheze. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG