Uko wahagera

Ubwongereza Bugiye Kongereza Amafranga Igisirikare Gikoresha


Ubwongereza bwafashe ingingo yo kwongereza bikomeye amafranga bukoresha mu gisata c'igisirikare.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko azokwongereza amafaranga gikoresha mu gisata co kwivuna umwansi, ku rugero rw’ibice 2.5 kw’ijana rw’ubutunzi bw’igihugu mu mpera z’imyaka cumi iri imbere.

Ni urugero rurengeye 2 kw’ijana, ku vyategenaijwe n’ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN. Ni mu gihe ibihugu vy’i Bulaya bigize ishirahamwe OTAN bifise impungenge ku ngaruka zishobora kuba zitewe n’ingwano y’Uburusiya muri Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak yabitangaje mu rugendo arimwo ku murwa mukuru wa Polonye, Varsovie. Muri urwo rugendo yavuze kandi ku bigwanisho vy’agaciro k’imiliyoni 500 y’amafaranga y’Abongereza “pound” vyemerewe Ukraine.

Ni ukuvuga imiliyoni 620 y’amadolari y’amanyamerika. Ivyo bigwanisho bizoba birimwo misile, ibimodoka bitamenwa n’insoro hamwe n’insoro. Sunak yatangaje ko Reta yiwe yafashe ingingo yo kwongereza bikomeye inguvu z’igisirikare c’igihugu mu bihe biri imbere. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG