Uko wahagera

Hayiti: Ibitaro n’Amavuriro mu Bukene bw'Imiti n' Ibikoresho vyo Kuvura


Muri Hayiti ibitaro n’amavuriro mu gisagara ca Port-au-Prince birakeneye, mu buryo bwihutirwa, imiti n’ibikoresho vyo kuvura abantu vyabuze kubera ubugizi bwa nabi butera bwiyongera ku murwa mukuru w’ico gihugu.

Ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe vyakira abarwayi mu buryo bwihuta mu karere ka Cite Soleil, abaganga barahagaritse kwakira abarwayi ku rugero rungana n’ibice bibiri vya bitatu. Abaganga bafashe iyo ngingo naho abantu babandanya kubitura ari benshi cane.

Muganga Jacob Burns wo kuri iryo vuriro agira ati: “Twakiriye abarwayi amajana indwi mu kwezi guheze mu gisata cakira abantu mu buryo bwihuta kandi ibice cumi kw’ijana vyabo bari abantu barashwe. Ico tubona ni uko abantu bagira ibibazo bikomeye cane kugira bashike ku bitaro iyo bakomeretse. Abantu badushikira vyatevye bitewe n’umutekano muke mu mayira no mu mabarabara bacamwo bagiye ku bitaro. Ivyo rero bituma kuvura ibikomere vyabo bigorana cane.”

Igisata citaho amagara y’abantu muri Hayiti, cahora kijegajega, ariko muri iki gihe kigeze ahantu vyibonekeza ko gishobora kunanirwa kwitaho abarwayi. Ubugizi bwa nabi muri ico gihugu bwaratumye amavuriro n’ibindi bisata vyitaho abantu mu buhinga buteye imbere, bihagarara ivy’agateganyo, harimwo n’ibitaro bikuru vya reta. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG