Uko wahagera

ONU: Abantu Barenga 50.000 Bakuwe mu Zabo n’Intambara yo mu Buraruko bwa Etiyopiya


Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatangaje ko abantu barenga 50.000 bakuwe mu zabo n’intambara yabereye mu gice kirimwo amatari mu buraruko bwa Etiyopiya.

Iyo ntambara yadutse mu gihe amakungu yerekanye impungenge ku ruhagarara n’ubwicanyi biriko bikorwa n’abarwanyi bava mu ntara zidacana uwaka.

Itorokanirozo ry’amakuru ryo mu Bufaransa, AFP, ryatangaje ko iyo ntambara yabaye mu mpera z’indwi irangiye mu bice vya Alamata na Raya, Zata na Olfa.

Reta yo mu ntara ya Amhara, mu ndwi irangiye, yaragirije inteko z’umuhari Tigray People’s Liberation Front, uyoboye intara ya Tigreya ko zateye akarere ka Alamata hamwe n’bindi bice, uruhande rumwe rwose ruvuga kkayegukira.

Umunywanyi akomeye w’umuhari TPLF, anayoboye Reta yo mu ntara ya Tigreya, mu butumwa mu ndwi iheze ku rubuga X, yavuze ko intambara iherutse kuba ari igikorwa c’abansi b’amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu gisagara ca Pretoria, muri Afrika y’epfo mu mwaka w’i 2022.

Ayo masezerano asaba inteko za Reta ya Etiyopiya kuva mu karere ka Alamata. Inteko zo mu ntara ya Amhara zigaruriye ako karere kari mu bumanuko bw’intara ya Tigreya mu ngwano yamaze imyaka ibiri hagati y’inteko za Reta ya Etiyopiya n’izo mu ntara ya Tigreya. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG