Uko wahagera

Antony Blinken Aragendera Ubushinwa


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa kabiri yatanguye urugendo rw'imisi itari mike mu Bushinwa. Azogirana ibiganiro n'abategetsi bakomeye mu bisagara vya Shanghai na Beijing.

Urugendo rugira kabiri rwa Antony Blinken mu Bushinwa rubaye mu gihe Reta ya Amerika yagabishije ico gihugu kudafasha Uburusiya mu ngwano burimwo muri Ukraine.

Reta ya Amerika yagiriza amashirahamwe yo mu Bushinwa ko aha Uburusiya ibintu bikomeye bukeneye mu guhingura ibigwanisho bukoresha mu ngwano muri Ukraine.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Wang Wenbin, kuri uyu wa kabiri, yishuye ku birego vya Amerika.

Ku ruhande rumwe, Amerika yarashikirije itegeko ritegekanya imfashanyo ikomeye igenewe Ukraine, mu gihe ku rundi ruhande ishikiriza ibirego bitagira ishingiro ku migenderanire isanzwe y’ubutunzi n’ubudandaji hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya.

Iyo ni inyifato itangaje cane, kandi yirengagiza ukuri. Ubushinwa ntibushigikiye Uburusiya na gato. Ku kibazo cerekeye Ukraine, Ubushinwa bwamye bwerekana ko ata ruhande na rumwe buhengamiyeko.

Bwashize imbere ibiganiro vy’amahoro n’inyishu iciye mu biganiro. Ubushinwa bwamye bwubahiriza amategeko ahari ku bijanye n’ibidandazwa bushorera hanze bishobora gukoreshwa mu buryo bwa gisivile na gisirikare.

Nta ruhara Ubushinwa bufise mu bibazo biri muri Ukraine. Ubushinwa ntiburiko burenyegeza umuriro muri Ukraine, kandi ntiburiko burahabonera akaryo ko kuhatungira. Ni co gituma Ubushinwa budashobora kwemera ko hari uruhara bufise mu biriko bibera muri Ukraine.

Urugendo rwa Antony Blinken mu Bushinwa rwategekanijwe indwi nkeyi imbere y’uko prezida yavuye mu matora muri Tayiwani, Lai Ching-te arahira mu mabanga yiwe kw’itariki 20 y’ukwezi kwa gatanu.

Forum

XS
SM
MD
LG