Uko wahagera

Iminsi 200 Irarumanye Hamas Itanguye Kugaba Ibitero muri Isirayeri


Abategetsi baserukira ibihugu vyo mu burengero bw’isi basavye abagwanyi b’umurwi Hamas kurekura imbohe zikiri mu minwe yawo mu karere ka Gaza. Ni mu rwego rwo kuzirikana imisi 200 iheze umurwi wa Hamas ukoze igitero muri Isirayeri, ikananyuruza abo bantu.

Umushikiranganji w’Ubwongerezaa ajejwe imigenderanire, David Cameron, yanditse ku rubuga rwiwe rwa X agira ati: “Haciye imisi 200 Hamas ikoze igitero ca mbere kitagira izina ku Bayahudi”. Yongeye agira ati: “ Imisi 200 iraheze abo bantu bagizwe imbohe, kandi imiryango yabo ibandanya kuba mu mubabaro urengeye”

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire na we, Annalena Baerbock yagize ati: “Mu gihe cose abo bantu bagizwe imbohe, batarekuwe, ntituzokwigera tureka gusemerera. Umusi bazorekurwa bagataha iwabo ni ho amahoro azoshoboka.”

Hamas yateye Isirayeri kw’itariki indwi y’ukwezi kwa cumi, yica abantu 1200, yongera igira imbohe abandi 250 nk’uko ibiharuro bitangwa na Isirayeri bivyerekana. Isirayeri ivuga ko abo barwanyi bagifise abantu 100 bagize imbohe hamwe n’ibiziga vy’abandi 30.

Ejo ku musi wa mbere Reta ya Amerika yavuze ko ata kintu gifaditse Hamas irashikiriza mu biganiro vy’umwumvikano kugira intambara ihagarare. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG