Uko wahagera

Michael Abramowitz Yagenywe mu Buyobozi bw’Ijwi ry'Amerika


Michael Abramowitz, yagenywe mu mabanga yo gutwara Ijwi ry'Amerika
Michael Abramowitz, yagenywe mu mabanga yo gutwara Ijwi ry'Amerika

Ikigo ca Leta zunze ubumwe z'Amerika gishinzwe itangazamakuru mpuzamakungu Ijwi ry'Amerika ribarizwamwo, “US Agency for Global Media", (USAGM), mu rurimi rw’icongereza, cagenye Michael Abramowitz kuba umuyobozi mushasha w’Ijwi ry'Amerika.

Yari ayoboye muri iki gihe ishirahamwe Freedom House rirondera gushiraho isi irangwa n’umwidegemvyo ku bantu bose bayibako. Michael Abramowitz azosubirira uwari ayoboye vy’agateganyo Ijwi rya Amerika, John Lippman, mu mezi makeyi ari imbere.

Umuyobozi mukuru wa USAGM, Amanda Bennett, yatangaje, kuri uyu wa kane, ko umuyobozi mushasha w’Ijwi ry'Amerika, Michael Abramowitz, ari umumenyeshamakuru yubashwe cane, kandi aharanira bikomeye agateka k’ikiremwa muntu.

Yatangaje ko ivyo yaranguye mw’ishirahamwe, “Freedom House”, vyabaye ngirakamaro mu twigoro two kurwanya amakuru y’ibinyoma n’inyifato y’agahotoro mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Amanda Bennett yavuze ko yiteze n’akanyamuneza kenshi ubuyobozi bw’umukuru mushasha w’Ijwi ry'Amerika, Michael Abramowitz. Yavuze ko arindiranye igishika gukorana nawe mu ntumbero yo gutanga amakuru y’ukuri, ataho ahengamiye mu bice vyo kw’isi bigeramiye bikomeye cane kurusha ibindi igikorwa co gutangaza amakuru; cane cane muri iki gihe gihambaye mu makungu.

Michael Abramowitz yarangije amashule yiwe kuri kaminuza ya Harvard, imwe mu zikomakomeye muri Amerika.

Forum

XS
SM
MD
LG