Uko wahagera

Kenya Yatanguye Amatohoza y'Icateye Isanganye ya Kajugujugu


Prezida William Ruto kumwe n'Umuhisi Francis Ogolla
Prezida William Ruto kumwe n'Umuhisi Francis Ogolla

Reta ya Kenya yararungitse umurwi ujejwe gutohoza isanganya ry'indege ya kajugujugu yahitanye umutegetsi mukuru w'igisirikare c'ico gihugu, Jenerali Francis Ogolla n'abandi bantu 9. Icatumye iyro sanganya riba nticamenyekanye buno nyene.

Jenerali Ogolla, yari mu bantu 12 bari muri iyo ndege y’ingwano ya kajugujugu yagize isanganya ku mutaga w’ejo ku musi wa kane, gatoyi inyuma y’uko yari ihagurutse ivuye mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Ibiziga vy’abari muriy o vyaratwawe n’indege ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi. Abantu 2 barokotse iyo mpanuka bariko baravugwa mu bitaro.

Jenerali, Francis Ogolla afise ipete rya Jenerali, azoshingurwa ku musi w’Imana mu ntara yiwe y’amavuko ya Siasa. Umuryango wiwe ni wo watangaje iyo nkuru.

Mu gutangaza imisi itatu y’icunamo mu gihugu, Prezida wa Kenya, William Ruto yatangaje ko abahitanywe n’impanuka yabaye ku musi wa kane, ari ibintu bibabaje cane ku gihugu.

Jenerali Francis Ogolla yagenywe mu mabanga y’umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Kenya mu kwezi kwa kane mu mwaka urangiye.

Prezida Ruto yavuze ko Ogolla yari umusirikare w’ijunja yapfuye ariko arangura imirimo yiwe.

Ruto yatangaje ko igihugu catakaje umwe mu basirikare bakomeye b’intwazangabo b’ijunja.

Jenerali Ogolla yinjiye ubwa mbere mu gisirikare kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kane mu mwaka w’i 1984. Vyari bitegekanijwe ko ahimbaza imyaka 40 ari mu gisiikare mu ndwi iza.

Forum

XS
SM
MD
LG