Uko wahagera

Uburusiya Bugereranya Imfashanyo Amahanga Aha Ukraine nk'Ubukoloni


Reta ya Amerika ni yo imaze guha ico gihugu imfashanyo nyinshi cane ya gisirikare gushika ubu
Reta ya Amerika ni yo imaze guha ico gihugu imfashanyo nyinshi cane ya gisirikare gushika ubu

Uburusiya, kuri uyu wa kane, bwatangaje ko imfashanyo ya gisirikare iyari yo yose ya Amerika igenewe Ukraine ataco izohindura ku kugene ibintu vyifashe ku rugamba.

Abategetsi b’Uburusiya bavuga ko imfashanyo nk’iyo iri mu mugambi wa gikoloni ujejwe gutungisha Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yavuze ko Ukraine iriko irwanira inyungu za Amerika, kandi yarengewe n’amadeni.

Peskov yavuze ko nyinshi mu mfashanyo zigenewe Ukraine zizoguma mu gisata c’amahinguriro ya gisirikare muri Amerika. Yavuze ko abihweza ibintu n’ibindi bose babona neza uko ibintu vyifashe ku rugamba muri Ukraine.

Umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Mike Johnson, yatangaje ko azotunganya itora ryari rimaze igihe ririndiriwe ku mfashanyo nshasha igenewe Ukraine, Isirayeri na Tayiwani ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi.

Iyo mfashanyoirimwo imiliyaridi 60 n’imiliyoni 84 y’amadolari agenewe Ukraine mu rugamba ico gihugu kirimwo rwo kwivuna ibitero vy’Uburusiya.

Mu gihe ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya ryemeye iyindi mfashanyo kuri Ukraine, Reta ya Amerika ni yo imaze guha ico gihugu imfashanyo nyinshi cane ya gisirikare gushika ubu.

Abategetsi n’abajejwe iperereza bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bavuze ko ingwano muri Ukraine igeze mu gihe kitoroshe kuri ico gihugu, kuko biboneka ko Uburusiya bushobora kuyitsinda.

Basigura ko Ukraine yoyitsinda mu gihe yoba ironkejwe izindi mfashanyo za gisirikare mu mu buryo bwihutirwa

Forum

XS
SM
MD
LG