Uko wahagera

Amahirwe y'Agahengwe mu Ntara ya Gaza Aracari Kure


Sheikh Mohammed bin Abdulrahman al-Thani, Umushikiranganji wa mbere wa Katari
Sheikh Mohammed bin Abdulrahman al-Thani, Umushikiranganji wa mbere wa Katari

Ibiganiro vyerekeye agahengwe hagati ya Isirayeri n'umurwi Hamas vyahagaze. Umushikiranganji wa mbere wa Katari, igihugu kiriko gihuza izo mpande muri ivyo biganiro ni we yatangaje iyo nkuru, kuri uyu wa gatatu.

Sheikh Mohammed bin Abdulrahman yavuze ko ubu abafasha muri ivyo biganiro bariko baca mugihe gihambaye aho ibiganiro bisa n’ivyahagaze.

Yatangaje ko bariko bagerageza uko bashoboye kugira ibiganiro bisubire kubandanya. Yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki, Marcel Ciolacu, yari muri rugendo muri Katari.

Katari, hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Misiri bimaze indwi zitari nke mu biganiro bibera mu mwiherero bifise umugambi wo gupfundika amasezerano y’agahengwe, mu ngwano iriko ibera mu ntara ya Gaza. Ivyo biganiro vyerekeye kandi irekurwa ry’abanyisirayeri bagizwe imbohe n’umurwi Hamas, hamwe n’abanyororo b’Abanyapalestina bari mu mabohero muri Isirayeri.

Abariko bafasha mu biganiro bariko bagerageza guhagarika ububabare bw’abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza. Bari kandi mu twigoro two kuraba ukuntu abagizwe imbohe barekurwa, bagasubira mu miryango yabo.

Bari bafise icizere ko bari gutuma amasezerano yerekeye agahengwe ashikwako imbere y’ikiringo ca Ramazani. Yamara ntivyakunze. Ahubwo ubwoba bwariyongeye ko ingwano mu ntara ya Gaza ishobora gutandukira akarere.

Ni inyuma y’uko Irani, igihugu kizirana bikomeye na Isirayeri gikoze mu bwabaye ubwa mbere ibitero biturutse ku butaka bwaco kuri Isirayeri mu mpera z’indwi irangiye

Forum

XS
SM
MD
LG