Uko wahagera

Irani Yagabishije Ko Izokwihora Mu Gihe Israyeri Yakora Ibitero Ku Butaka Bwayo


Isirayeri, ibifashijwemwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Jordaniya n’ibindi bihugu, yarasambuye hafi za misile na drone nka zose Irani yari yakoresheje
Isirayeri, ibifashijwemwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Jordaniya n’ibindi bihugu, yarasambuye hafi za misile na drone nka zose Irani yari yakoresheje

Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi, kuri uyu wa gatatu, yagabishije ko igihugu ciwe kizokwihora mu buryo bukomeye cane mu gihe Israyeri yakora ibitero ku butaka bwaco.

Yabitangaje mu gihe akarere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi kiteguriye ibitero vya Isirayeri ku butaka bwa Irani.

Prezida Raisi yabitangaje mu gihe hariko haba urugendo rw’imyiyereko y’igisirikare rwama ruba uko umwaka utashe. Urwo rugendo rwimuriwe mw’ikambi y’igisirikare iri mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Irani, Tehran, ruvanywe mu kibanza rwahora ruberamwo mu bisanzwe, kiri kw’ibarabara rikuru mu murwa mukuru.

Nta nsinguro abategetsi b’igihugu ca Irani batanze ku vyerekeye kwimura ikibanza iyo myiyereko y’igisirikare yahora iberamwo. Televiziyo ya reta ntiyerekanye iyo myiyereko mu gihe yariko iraba, nk’uko vyahora biba mu myaka yaheze.

Irani yarakoze ibitero amajana n’amajana vya misile na drone ku butaka bwa Isirayeri mu mpera z’indwi irangiye. Ivuga ko yakoze ivyo bitero mu ntumbero yo kwishura ku gitero yavuze ko Israyeri yakoze mu kibanza kirimwo konsula yayo muri Siriya, kw’itariki imwe y’uku kwezi kwa kane.

Ico gitero cahitanye abantu 12, barimwo abasirikare 2 bakomeye b’intwazangabo b’ipete ya jenerali.

Isirayeri, ibifashijwemwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Jordaniya n’ibindi bihugu, yarasambuye hafi za misile na drone nka zose Irani yari yakoresheje mu bitero ku butaka bwayo.

Forum

XS
SM
MD
LG