Uko wahagera

Ubwongereza Burasabira Irani Ibihano


David Cameron, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza
David Cameron, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza, David Cameron, yasavye umurwi G-7 ugizwe n'ibihugu 7 biteye imbere kurusha ibindi kw'isi gufatira ibihano bishasha igihugu ca Irani.

Kuri uno wa gatatu, Cameron, yasavye ivyo ibihugu gufatira hamwe ibihano bishasha Irani. Ni inyuma y’ibitero Irani yakoze mu mpera z’indwi irangiye kuri Israyeri.

Yabitangaje imbere y’inama na bagenziwe itegekanijwe kubera mu Butaliyano mu misi iri imbere. Cameron yabwiye ibinyamakuru vyo mu Bwongereza, ko ivyo bashaka ari ugufatira hamwe ibihano bigenewe Irani.

Yabivugiye mu rugendo yarimwo muri Israyeri. Yerekanye ko Irani iri inyuma y’ibikorwa bigayitse bibera mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Umushikirangaji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, yatangaje ko mu murwi G-7 hari vyinshi bashobora gukora kugira berekane ko bari hamwe.

Cameron yavuze ko Irani itegerezwa guhabwa ubutumwa butomoye kunyifato yayo yo gushigikira imirwi Hamas, Hezbollah n’aba Houthi barwanya ubutegetsi muri Yemeni.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zaratangaje, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, ko zizofatira vuba ibihano bishasha Irani ku bijanye n’imigambi yayo yerekeye misile na drone.

Vyitezwe ko ibihugu bicuditse n’ibikorana na Amerika bizofata ingingo nk’izo.

Forum

XS
SM
MD
LG