Uko wahagera

Prezida wa Zambiya Atabariza Abanyagihugu Biwe Babangamiwe n'Ubushuhe Bwinshi


Imirima yo muri Zambiya yumye
Imirima yo muri Zambiya yumye

Zambiya ikeneye amadorari arenga imiriyoni 900 yo guhangana n’ingaruka z’ubushuhe bwinshi hamwe n’uruzuba rw’umurengera.

Prezida wa Zambiya Hakainde Hichilema, abicishije mu butumwa bwo kuri tereviziyo, yavuze ko imiriyoni cumi kuri 20 z’abanyagihugu atwara zakozweko n’ingaruka y’ubushuhe bw’umurengera buzwi kw’izina rya, El Nino.

Abakeneye ubufasha vyihuta barenga imiriyoni 6 nkuko Prezida Hichilema abandanya abivuga. Yagize ati: “ Uno mwaka, Zambiya yaronse imvura nkeya cane. Igisata c’uburimyi n’ubworozi kirabangamiwe. Nta mwimbu uhari.”

Mu kwezi kwa kabiri ni ho Zambiya yatangaje ibihe bidasanzwe bivuye ku bushuhe bwinshi. Ku miriyoni 940 ico gihugu gikeneye, gifise 51 gusa.

Prezida wa Zambiya yatabarije abanyagihugu biwe agira ati: “ N’umutima uremereye, kw’izina rya reta n’abanyagihugu, turasavye amakungu, abikorera ivyabo, amasengero n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike kudufasha guhagana n’ubugaragwa.”

Ubushuhe bw’umurengera, El Nino, ahandi buvugwa ni muri Zimbabwe na Malawi. Ivyo bihugu na vyo nyene vyaratangaje ibihe bidasanzwe kubera ubwo bushuhe.

Forum

XS
SM
MD
LG