Uko wahagera

ONU Yaronse Imiriyoni Zababa 629 zo Gufashisha Etiyopiya


Bamwe mu byanyagihugu ba Etiyopiya
Bamwe mu byanyagihugu ba Etiyopiya

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryaronse imiriyoni zababa 629 zo gufashisha Etiyopiya imaze igihe ibangamiwe n’ingwano, ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe zirimwo imyuzure n’uruzuba rwinshi.

ONU yaronse ayo mafaranga biciye mu nama yo ku rwego rwo hejuru yabereye I Geneve mu Busuwisi, iteguwe na ONU, reta ya Etiyopiya n’Ubwongereza.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryari ryasavye abagira neza gutanga umuriyaridi w’amadorari. Imiriyoni zababa 629 zabonetse zatanzwe n’ibihugu 21.

Ibihugu vyatanze menshi ni bitatu. Reta zunze ubumwe z’Amerika yatanze imiriyoni 154, Ubwongereza imiriyoni 124 n’ibihumbi 58, Ubumwe bwa Buraya nabwo butanga imiriyoni 139.

Abanyagihugu bakeneye imfashanyo zihuta muri Etiyopiya ni imiriyoni 15 n’ibihumbi 500 nkuko ONU ibivuga.

ONU ivuga kandi ko mu gihe c’imvura, imiriyoni 11 z’abanyagihugu ba Etiyopiya bashobora kuzohura n’ibibazo vy’ubukene bw’imfungurwano no gufungura nabi.

Ibindi biharuro ONU itanga vyerekana imiriyoni zine n’igice z’abanyagihugu ba Etiyopiya bataye izabo. Etiyopiya iri mu bihugu 10 vya mbere bifise abanyagihugu benshi begeranirijwe mu ma kambi y’abateshejwe izabo.

Abatunganije inama yo gusabira imfashanyo Etiyopiya bavuga ko kugira ico gihugu kirengere ibibazo kirimwo muri vyo harimwo ivy’amashure, ibitaro, inyubako, amabarabara vyabomagurikiye mu ntambara, hakenewe n’imiburiburi umuriyaridi umwe w’amadorari, yokoreshwa mu mezi atatu.

Forum

XS
SM
MD
LG