Uko wahagera

Uburundi Buri Mu Ngorane Zidasanzwe Kubera Umwuzure w'Amazi ya Tanganyika


Iyo myuzure yibasiye uduce twegereye ikiyaga Tanganyika mu Burundi no muri Kongo
Iyo myuzure yibasiye uduce twegereye ikiyaga Tanganyika mu Burundi no muri Kongo

Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo gutangaza ko igihugu kiri mu ngorane zidasanzwe kubera umwuzure w’amazi ya Tanganyika umaze hafi amazi abiri.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano yatangaje ko abantu barenga 200,000 bagizweko ingaruka mbi harimwo abapfuye n’abateshejwe izabo, muri bo abarenga 20,000 bakaba batakigira aho bakika umusaya.

Uburundi busaba amakungu imfashanyo zihuta zo gutabara abantu.

Ibi bibaye inyuma yuko amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike akorera mu gihugu atangaje ko asaba reta kuva mu gacerere igatangaza ku mugaragaro ko yatewe n’ikiza c’iduga ry’amazi ya Tanganyika.

Abo barimo Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, batera akamo Reta y’Uburundi guhaguruka igafata ingingo zijanye no gukingira abanyagihugu bose baba n’abakorera ahegereye ahariko haribasirwa n’amazi ya Tanganyika mu kubimura vuba bwango.

Rufyiri avuga ko bavyibonyeye kuri uyu wa kabiri ubwo bafata urugendo mu bice vyegereye ikiyaga vyamaze kononekara.

Anasaba reta kureka kwinginga abanyagihugu n’abagikorera mu bice biri mu kaga, ahubwo igafata ingingo zo kubimura mu gukingira ubuzima bwabo.

Abarongoye andi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu gihugu bavuga ko gushika ubu babona ko Uburundi buri mu bihe bidasanzwe.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga kandi ko amashure hamwe n’amavuriro biri mu bice vyashikiriwe n’amazi bigeramiwe cane haba mu Gatumba ndetse no mu Rumonge n’ahandi.

Aho naho Rufyiri avuga ko basanze hari abanyeshure bakihigira, huzuye amazi, ubwiherero bwarabomotse n’ibindi, agasaba ko Reta yoshika aho hantu hose igafata ingingo zibereye.

Naho abarongoye umurwi ujejwe gutabara abahuye n’ibiza n’isibe mu Burundi, ku musi wa mbere, bamenyesheje ko hari imiryango yakuwe mu bice biri mu kaga, mu nyuma ugasanga basubiyeyo. Gusa Uwurongoye uwo murwi amenyesha ko uburyo bwo kubakira abahuye n’ibiza butaraboneka.

Naho ikigo IGEBU kijejwe kugenzura ikirere mu Burundi giherutse kumenyesha ko amazi yabaye menshi bagendeye ku bipimo vyo mu mazi aho vyashitse ku metero.

Amashirahamwe asaba Reta y'Uburundi gutangaza ko yatewe n'ikiza igafashwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:36 0:00

Kuva aho amazi ya Tanganyika atanguriye kuduga ari menshi na cane cane muri zone ya Gatumba, haramaze kwitaba Imana abantu 7, batanu bariwe n’imvubu, babiri bariwe n’ingona.

Forum

XS
SM
MD
LG