Uko wahagera

Ukraine Isaba Amerika Kuyifasha Kwivuna Uburusiya Nkuko Yafashije Isirayeri Kwivuna Irani


Prezida wa Amerika kumwe n'uwa Ukraine
Prezida wa Amerika kumwe n'uwa Ukraine

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, asaba ibihugu vyo mu burengero gushigikira igihugu ciwe, nkuko vyabikoze mu mpera y’indwi iheze kuri Isirayeri mu kuyifasha kuburizamwo ibitero vy’akataraboneka Irani yagavye ku butaka bwayo.

Zelenskyy yagize ati: “ Mu kugwanira Isirayeri, Amerika yerekanye ko ubumwe no gushigikirana kuri urwo rugero bishoboka ijana kw’ijana.”

Mu butumwa yacishije kuri telegrame, Prezida Zelenskyy yashimiye ibihugu vyaronkeje Ukraine ibindi bikoresho vya gisirikare, ariko aca asigura ko kugira Ukraine yivune neza ibitero vy’Uburusiya yemeje ko vyabaye ndanse, hakenewe ubumwe nk’ubwo ibihugu vyo mu burengero vyeretse Isirayeri.

Zelenskyy ati: “ Hakenewe ishaka rya politike. Ubumwe mweretse Isirayeri itari no mw’ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe mu vya gisirikare, OTAN, birashoboka ko mubwereka Ukraine.”

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu, Dmytro Kuleba, yunze mu rya Prezida Zelenskyy, agira ati: “ Twabonye ko impande zitandukanye zishigikiraniye bifatika, ata rusasu rwa misile na rumwe rushobora kurwa aho umwansi yari arurungitse”.

Kuleba yabandanije abwira abafasha Ukraine y’uko vyanse ko bafasha bayifasha nkuko bafashije Isirayeri, botanga ibikoresho vya gisirikare bikenewe, ingabo za Ukraine zikigwanako.

Igisirikare ca Isirayeri cemeza y’uko kibifashijwemwo na Amerika hamwe n’izindi ncuti za Isirayeri, caburijemwo ibice 99% vy’ibitero Irani yayigavyeko ku musi wa gatandatu. Amerika yariyemereye ko yafashije Isirayeri kwivuna, ariko ica igirako itomora y’uko ari nka hamwe Isirayeri yokwihora, itazoyifasha.

Muri ino ndwi, bitegekanijwe ko umukuru w’inamanshingamateka y’Amerika agira ico avuze ku mamiriyaridi 95 prezida w’Amerika asaba kugira haboneke imfashanyo z’impande zitandukanye. Ayo mahera, arimwo imiriyaridi 60 zo gufasha Ukraine, na 14 zo gufashisha Isirayeri.

Forum

XS
SM
MD
LG