Uko wahagera

ONU: Imiriyoni 25 z’Abanyagihugu ba Sudani Bakeneye Imfashanyo Vyihuta


Bamwe mu banyagihugu ba Sudani
Bamwe mu banyagihugu ba Sudani

Imiriyoni 25 z’abanyagihugu ba Sudani bakeneye imfashanyo vyihuta.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatanze ibi biharuro inyuma y’umwaka umwe uheze intambara y’impande zibiri za gisirikare zirwanira ubutegetsi muri ico gihugu itanguye.

Ibiharuro bishasha vya ONU vyerekana ko iyo ntambara imaze guhitana abarenga ibihumbi 14, ikomeramwo ibihumbi 33. Abarenga imiriyoni 8 barahunga.

ONU ibicishije ku munyamabanga wayo, Antonio Guterres, yagabishije ko intureka zoramuka zitandukiriye cane El Fashe, umurwa mukuru w’ intara ya Darfour yo mu bumanuko, Sudani yoba yinjiye mu kaga katagira izina.

Antonio Guterres yizeza ariko ko hari amahirwe y’uko impande zishamiranye zifata inzira y’ibiganiro, izotuma intambara ihera.

Mu gihe igice c’abanyagihugu ba Sudani (imiriyoni 25) bakeneye imfashanyo vyihuta, amashirahamwe y’abagiraneza n’abadiplomate ejo ku wa mbere bahuriye mu nama I Paris mu Bufaransa, bavana basezeranye ko hagiye kuboneka imiriyaridi zibiri n’umuriyoni n’igice, zo gufasha abanyagihugu ba Sudani.

ONU ubundi yari yipfuza ko hobeneka imiriyaridi 2 n’imiriyoni 700 z’amadorari y’Amerika yo gufasha Sudani muri rusangi, hamwe n’umuriyaridi umwe n’imiriyoni 400 zo gufasha impunzi z’ico gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG