Uko wahagera

Uburundi Bukomeje Gutakaza Abakinyi ba Basketball Kubera "Visit Rwanda"


Bamwe mu bakinyi ba Dynamo yo mu Burundi
Bamwe mu bakinyi ba Dynamo yo mu Burundi

Ishirahamwe mpuzamakungu rya Basketball, FIBA, mu ndwi iheze ryarahagaritse vy’imfatakibanza urunani ruhurikiyemwo imirwi y'umukino wa Basketball mu Burundi, FEBABU.

Umunyamabanga mukuru wa FIBA, Andreas Zagklis, kw'igenekerezo rya 12 uku kwezi kwa kane, ni ho yandikiye Jean Paul Manirakiza, atwara FEBABU, amumenyesha ko ishirahamwe rya Basketball mu Burundi, rihagaritswe vy’imfatakibanza.

FEBABU, yagirizwa kuba yarabereye intambamyi ekipe ya Dynamo mu mahiganwa ya BAL, mu kuyibuza kubahiriza amategeko agenga iryo higanwa.

FEBABU, ivuga ko kw’igenekerezo rya 9 ukwezi kwa gatatu, Paul Manirakiza ari ho yanditse asaba ko umugwi wa Dynamo wari waserukiye Uburundi mu nkino za BAL, wokina utambaye imyambaro yanditseko "Visit Rwanda".

Jean Paul Manirakiza, yasavye kandi umugwi wa Dynamo kudakina mu gihe ivyo FEBABU yasavye FIBA bitokubahizwa. Ni na ko vyagenze gushika umugwi wa Dynamo ukuwe mu nahiganwa ya BAL.

FIBA, yagiriza FEBABU kuba yaciye kubiri n’amategeko agenga abanyamuryango b’iryo shirahamwe, ikanacapfuza ishusho ya Basketball y'Uburundi muri rusangi.

FEBABU isabwa kwisigura imbere y’itariki ya 23 z'ukwezi kwa kane ku vyo yagirizwa vyose. Biri uko mu gihe abakunzi ba Basketball muri ico gihugu bemeza ko ukuba Uburundi bwaravuye mu mahiganwa ya BAL, vyatosekaje ishusho yabwo muri rusangi.

Abakunzi b'uwo mukino, basaba Manirakiza Jean Paul atwara FEBABU gutanga imihoho, bitabaye uko agasezererwa.

Bamwe mu bakunzi ba Basketball mu Burundi, basanga kuba umurwi wa Dynamo warasezerewe mu mahiganwa ya BAL, bizokwega ingaruka mbi kuri uwo mukino mu Burundi.

Zimwe mu ngaruka zatanguye kuja ahabona nkuko vyemezwa n'abari muri FEBABU, harimwo abakinyi b'Uburundi bariko baraja mu yindi mirwi.

Abakinyi ba Dynamo baramaze kuyivamwo berekeza ahanini mu bihugu bitandukanye vyo mu karere ka Afurika y'ibiyaga binini vya Afurika. Abo ni Otobo Israel yagiye mu mugwi wa APR yo mu Rwanda, Nijimbere Guibert yasinyiye umugwi wa Kepler, Bello Nkanira yagiye muri Orion na David Deng yagiye mu mugwi wa Chaux Sport muri Kongo.

Kuri abo bakinyi, hiyongerako umumenyereza wabo Olivier Ndayiragije asigaye amenyereza Titans mu Rwanda nyene.

Uwundi mugwi watakaje abakinyi benshi bagiye muri Kongo ni Urunani. Abo ni Landry Ndikumana yari kizigenza w’uwo mugwi, Clark Dushime, Michel Bwanga, Mamadou Dioumé na Ereng bagiye gukina mu mugwi wa AMI BK wo mu Rwanda.

Fyonda hasi, wumve ibindi kuri ino nkuru irimwo n'ayandi makuru avugwa mu gisata c'amakuru y'umupira w'amaguru mu Burundi muri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Burundi: Abakunzi ba Basketball Babajwe n'Ihagrikwa rya FEBABU muri FIBA
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:35 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG