Uko wahagera

Turukiya Yahagaritse Gukorana Ubudandaji na Isirayeri Kubera Intambara yo muri Gaza


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri kumwe na perezida wa Turukiya
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri kumwe na perezida wa Turukiya

Turkiya yafatiye Isirayeri ingingo zihagarika ubudandaji hagati y’ivyo bihugu, gushika ico gihugu gitangaje ko gihagaritse ingwano mu ntara ya Gaza. Iyo ngingo yerekeye ubwoko 54 bw’ibidandazwa, birimwo isima, ibitoro bikoreshwa n’indege hamwe n’ibitabizo.

Iyo ngingo ifashwe umusi umwe inyuma y’uko Isirayeri yanse iciyumviro cashikirijwe na Turkiya gisaha gukoresha indege mu gukorora imfashanyo mu ntara ya Gaza. Ibihugu bitari bike vyarakoresheje ubwo buryo mu gushikiriza imfashanyo abanyagihugu bo muri Gaza. Ni mu gihe amashirahamwe ajejwe gutabara yatangaje ko adashobora gushikana imfashanyo zikenewe cane mu ntara ya Gaza ziciye ku butaka.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Isirayeri, Israel Katz, yatangaje ko igihugu ciwe kizosubiriza mu nkoko igihugu ca mu Turkiya. Mu butumwa yashize ku rubuga X, Katz yavuze ko prezida wa Turkiya, Recep Tayipp Erdogan yahevye inyungu mu vy’ubutunzi z’abanyagihugu biwe mu ntumbero yo gushigikira abo yavuze ko ari abicanyi b’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Inyuma y’ibiganiro vyerekeye guhagarika ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas yabereye i Kayiro, vyarimwo abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Isirayeri, Hamas na Katari, umurwi Hamas wariko uriyumvira umugambi wari washikirijwe werekeye guhagarika ingwano, urimwo ivyerekeye kurekura abagizwe imbohe mu ntara ya Gaza. Uwo mugambi wasaba agahengwe k’indwi zitandatu. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG