Uko wahagera

Burundi: Abanyagihugu Bahangayikishijwe n'Ubukene Budashira


Bamwe mu banyagihugu b'i Bujumbura
Bamwe mu banyagihugu b'i Bujumbura

Mu Burundi, abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko ubuzima busigaye buzimvye cane bigatuma n’umushahara abakozi ba reta bahembwa utakibakwira.

Bafatira ku biciro vy’ibintu vya nkenerwa nk’ibiribwa vyaduze ibiciro, uburaro, kwiyunguruza n’ibindi vyaduze hafi incuro zibiri canke zirenga.

Umwe mu banyagihugu bo muri zone Buterere mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ubuzima bwamunaniye n’umuryango wiwe kubera ibiciro mu kuduga vyabaye ndanse.

I Bujumbura, abanyagisagara babwiye Ijwi ry'Amerika ko n’igitoro casubiye gukena. No hagati mu gihugu ni nk’uko. Hari uwabwiye Ijwi ry'Amerika ko yaguze ilitiro imwe n’igice ry'igitoro ku bihumbi 20 vy’amarundi mu gisagara ca Ngozi muri magendu kubera kuri station atakihari.

Abandi baganiriye n’Ijwi ry'Amerika, barimwo abakozi ba reta nk’abarimu n’abaganga. Aba bafise amakenga kubera n’umushahara wabo w’ukwezi kwa gatatu utaraboneka.

Abigisha bo muri kaminuza nkuru y’igihugu bobo bagabishije ko bashobora guhagarika akazi basaba iduzwa ry’umushahara kubera uwo bahembwa utagishobora kubatunga n’imiryango yabo. Prezida Evariste Ndayishimiye, aba aheruka kubakurira inkoni ku gishitsi, ababwira ko borya ikiremve bacirashe.

Mu gihe bamwe mu bahinga nka Kefa Nibizi asanzwe arongoye umugambwe, CODEBU, basanga Reta ari yo yonyene ishobora gutorera umuti ico kibazo c’ubuzima buzimvye, Prezida Ndayishimiye amaze iminsi yumvikana asubiramwo akatari gake ko Abarundi bakwiye gukura amaboko mu mpuzu bakarwiza umwimbu nk’uko na we nyene abikora mu matongo yiwe hirya no hino mu gihugu.

Raporo y’ibanki y’isi yerekana ko ingorane z’ubutunzi, iduga ry’ibiciro n’itituka ry’ifaranga ry’Uburundi igihugu kigize mu myaka ibiri iheze ryaheruka igihe Uburundi bwari bwafatiwe ibihano vy’Ubutunzi mu mwaka w’I 1997.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru.

Burundi: Abanyagihugu Bavuga ko Ubukene Buzura Inzara
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:31 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG