Uko wahagera

Prezida wa Senegali Macky Sall Yakiriye Diomaye Batavuga Rumwe Agiye Kumusubirira


Prezida Macky Sall ( I Buryo), Bassirou Diomaye Faye, agiye ku musubirira ( I Bubamfu)
Prezida Macky Sall ( I Buryo), Bassirou Diomaye Faye, agiye ku musubirira ( I Bubamfu)

Prezida wa Senegali, Macky Sall, yakiriye uwo batavuga rumwe na we, Bassirou Diomaye Faye, mu ngoro yiwe.

Bassirou Diomaye Faye, agenda buke buke yegereza kuramustwa ingoro ya prezida wa Senegali yakiririwemwo: intsinzi yiwe nka prezida mushasha wa Senegali ishobora kwemezwa ijana kw’ijana bitarenze impera z’ino ndwi.

Ukuba Prezida Macky Sall yakiriye Bassirou Diomaye Faye mu ngoro yiwe, vyafashwe nk’ikimenyetso c’ihererekanywa ry’ubutegetsi rigiye kuba mu mutekano ntangere muri Senegali. Ibi, ntibimenyerewe mu karere Senegali iherereyemwo, gasanzwe kabangamiwe na kudeta z’urutavanako.

Bassirou Diomaye Faye w’imyaka 44, yabonanye na Macky Sall ari kumwe na Ousmane Sonko, afatwa nk’umuhetsi wiwe mu vya politike.

Amatora ya Senegali yabaye Diomaye Faye na Ousmane Sonko bamaze iminsi 10 bavuye mu gasho. Uko ari babiri, bari bamaze imyaka igera kuri 3 barwanya ubutegetsi bwa Prezida Macky Sall.

Amashusho yashizwe ku rubuga rw’ibiro vya prezida wa Senegali, yerekana Bassirou Diomaye, ashize ibiganza ku bitugu vya Macky Sall ariko asozera ikiringo ciwe. Bompi uko ari batatu ( Diomaye Faye, Macky Sall na Sonko), bariko baramwenyura.

Ibiro vya prezida wa Senegali, vyavuze ko umubonano w’aba bagabo batatu bari bamaze igihe badacana uwaka, wari ugamije kuvugana ku madosiye aremereye y’igihugu, no gutegura urubanza rwo guhererekanya ubutegetsi.

Ibiro vya prezida wa Senegali biti: “Ni intango y’ihererekanywa ry’ubutegetsi igiye kwandika mu mateka.”

Bassirou Diomaye Faye agiye kuba umunyepolitike wa mbere atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Senegali atsinze amatora hatarinze kuba itunganywa y’incuro ya kabiri kubera ukutumvikana hagati y’impande zitavuga rumwe, kuva Senegali yikukira mu 1960.

Forum

XS
SM
MD
LG