Uko wahagera

Bassirou Diomaye Faye Yatsinze Amatora muri Senegali


Bassirou Diomaye Faye w'imyaka 44 yatsinze amatora muri Senegali
Bassirou Diomaye Faye w'imyaka 44 yatsinze amatora muri Senegali

Amadou Ba umunyapolitike yaserukiye urunani rw'imigambwe iri ku butegetsi muri Senegali, kuri uyu wa mbere yaterefonye umunyapolitike atavuga rumwe na reta bahiganywe, Bissirou Diomaye Faye kugira amukeze.

Yongeye aremera ko yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ku musi w'Imana urangiye.

Bitegekanijwe Bassirou Diomaye Faye aba umukuru w’igihugu inyuma y’amatora yabaye imisi mikeyi avuye mu munyororo. Azoba abaye umukuru w’igihugu akiri muto cane mu myaka kurusha abandi bayoboye Senegal.

Bassirou Diomaye Faye, afise imyaka 44 muri iki gihe, yemeye gushira imbere ivyiyumviro biharanira ineza ya Afrika, no gusubira kuganira ku masezerano yerekeye umwuka utanga inguvu n’ibitoro. Nta mabanga y’igihugu aciye mu nzira y’amatora yari bwashingwe.

Seydi Gassama aharanira inyungu z’abanyagihugu akongera akaba ayoboye ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka muntu, Amnesty international, yabwiye Ijwi rya Amerika ko intsinzi ya Bassirou Diomaye Faye yerekanye ugushaka gukomeye kw’abanyagihugu ko haba impinduka.

Yavuze ko badashaka ishirwaho ry’ikiringo mfatakibanza. Ku bwiwe, Abanyasenegali bashaka ko umukuru w’igihugu mushasha aboneka biciye mu matora.

Yavuze ko urwego rw’igihugu rujejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro rukwiye guhayagizwa kuko rwagarukiye demokrasi mu gihugu.

Yagize ati "Ica mbere prezida mushasha kwiye gukora mi misi ijana ya mbere ari ku butegetsi, ni ugutunganya gushasha inzego z’ubutungane kugira zigenge kurushiriza. Ibibanza vyose vya politike bikwiye gushirwamwo abantu babishoboye bidafatiye ku kuba bari mu mugambwe uri ku butegetsi canke bakorana n’umugambwe uri ku butegetsi. Ni imigambi ikwiye kwihutishwa kandi turiteze guhura n’umukuru w’igihugu mushasha mu misi iri imbere kugira tumushikirize iyo migambi."

Bitegenijwe ko ivyavuye mu matora yo ku musi w’Imana bitangazwa icese imbere yo mu mpera z’iyi ndwi.

Forum

XS
SM
MD
LG