Uko wahagera

Burundi: Abasirikare 242 Banse Kuja Gufasha Ingabo za Kongo Kurwanya M23 "Barapfunzwe"


Ifubwa rya Majoro Ernest Gashirahamwe, intwazangabo ya mbere y'Umurundi yaguye mu ngwano za M23 ,kuwa 16 ukwa 11 i Bujumbura
Ifubwa rya Majoro Ernest Gashirahamwe, intwazangabo ya mbere y'Umurundi yaguye mu ngwano za M23 ,kuwa 16 ukwa 11 i Bujumbura

Abasirikare b'Abarundi bagera kuri 242 bafungiwe mu mabohero ane y'Uburundi kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka. Abo basirikare barungitswe mu mabohero ya Bururi, Ngozi, Rumomge na Ruyigi inyuma yaho bankiye kuja gufasha ingabo za Kongo, FARDC, kurwanya abarwanyi ba M23 mu ntara ya Kivu y'uburaruko.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’amasoko yaryo atandukanye yemeza ko haheze indwi zibiri abafungiwe mu mabohero ya Bururi na Rumonge bumvirijwe n’abacamanza ba sentare ya gisirikare. Aba, bumviririjwe aho bafungiwe kuwa 12 uku kwezi. Baracarindiriye ingingo ya sentare.

Abafungiwe i Bururi 21 no mu Rumonge 103 bahageze haraheze ukwezi kurenga. Bari bahagaritswe mu kwezi kwa 12 umwaka uheze nk’uko amasoko y'Ijwi ry'Amerika abivuga.

Mu Ruyigi na Ngozi, amasoko yegereye abasoda bahafungiwe yabwiye Ijwi ry'Amerika ko bahagaritswe itariki 9 z'ukwa 12 muri 2023. Abo mu Ruyigi 34 bahashikanywe itariki ya 17 ukwezi kwa mbere mu gihe 84 b’i Ngozi bajanyweyo ku magenekerezo ya 22 na 23 y’uko kwezi nyene.

Amasoko y'Ijwi ry'Amerika abandanya kwemeza ko abasirikare 118 bamaze kubwirwa na sentare ya gisirikare ko bazobandanya kuburana bapfunzwe. Abo mbere babimenyeshejwe ku wa 20 uku kwezi, mu gihe umurwi wa kabiri wahawe ayo makuru ku wa 22.

Nk’uko amasoko yegereye abandanya kubibwira Ijwi ry'Amerika, abo basirikare bose bakwirikiranywe ku vyaha bibiri nyamukuru: imigumuko no kwanka amategeko y’intambara. Umwe mu ntwazangabo atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana avuga ko umusirikare yemerewe kwanka amategeko mu gihe abona ko ata mvo canke impamvu zumvikana zituma yishora kw’icumu.

Maitre Jean Claude Ntiburumusi, umukuru w’igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi rivugira abanyororo, avuga ko abasirikare bemerewe kwanka amategeko.

Maitre Ntiburumusi yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: “Sinovuga ko ari ibisanzwe ko umusirikare yanka itegeko ahawe n'abamutwara. Sinsazwe nzi cane ibijanye n'igisirikare ariko ndumva ko kwanka itegeko bibaye ari ibisanzwe hohava haba akajagari. Ariko rero iyo itegeko ritanzwe rigaragaramwo kurenga amategeko vyeruye, umusirikare arashobora Kwanka ico ahamagariwe gukora kuko anagikoze arahava akagihanirwa. Ivyo biri mu ngingo ya 31 y'Igitabu mpanavyaha c'uburundi”

Umwe muri abo basirikare ni we wenyene Ijwi ry’Amerika rimaze kumenya ko afise uwumwunganira. Maitre Ntiburumusi asanga ari uburenganzira batswe kuko mu gihe icaha umunyororo yikekwako gishobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 20 n’iyirenga, umuburanyi yabwirizwa kuronswa umushingwamanza n’inzego z’igihugu.

General de brigade Gaspard Baratuza ajejwe imigenderanire n’ukumenyesha amakuru mu gisirikare c’Uburundi twamwandikiye ntiyatwishura. Tumuhamagaye kuri terefone naho ntiyayitavye. Ariko umwe mu ntwazangabo ifise ipete ryo hejuru yabwiye Ijwi ry’Amerika ati ”Ni ibisanzwe birazwi ko hari abasirikare benshi bapfunzwe bazira ukwanka kurwana na M23 ariko kandi hari n’abanyuruje uburyo bugenewe intambara. Hari abamaze no kwirukanwa mu gisirikare”.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Alain Tribert Mutabazi, mu butumwa bwo kuri WhatsApp ysihuye Ijwi ry'Amerika ryamurondeye ati: " Twaratanze umuco igihe tugira ikiganiro ku bamenyshamakuru mu kwezi kwa mbere ko mu 2024. Ivyo mubajije ntavyabayeho, mwaritiranije ibintu, canke nta makuru mufise atomoye."

Ariko, Pezida Evariste Ndayishimiye ku wa 29 ukwa 12 umwaka uheze yari yabitanzeko umuco. Mu kiganiro kirangiza umwaka yakoranye n'ibinyamakuru n’abanyagihugu mu ntara ya Cankuzo, yavuze ko abasirikare b'igihugu ciwe banka kurwana muri Kongo bakwiye guhanwa kubera baba bahemutse kw'ibanga biyemeje.

Muri ico kiganiro, Prezida Ndayihimiye yanavuze ko ari ibisanzwe ko abasirikare b’Abarundi bagwa ku butaka bwa Kongo barwanya M23 naho hari ababinebagura, asigura ko baba bariko bahangana n’iterabwoba.

Mu bamaze gusiga ubuzima muri Kongo, harimwo urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure za CNDD-FDD. Bamwe mu bavyeyi baburiye abana babo mu mezi abiri aheze muri Kongo, bashingiye intahe Ijwi ry'Amerika.

Fyonda hasi wumve ubuhamya bwabo mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza, akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Burundi: Bamwe mu Basirikare Banse Kuja Kurwana muri Kongo Bari mu Mvuto
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:43 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG