Uko wahagera

ONU Yarafatiye Ibihano 6 Bagirizwa  Guhungabanya Umutekano muri Kongo


Abarwanyi b'inyeshyamba za M23 muri Kongo
Abarwanyi b'inyeshyamba za M23 muri Kongo

Urwego rw'ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n'umutekano kw'isi, ejo ku musi wa kabiri, rwarafatiye ibihano abantu 6, rubagiriza guhungabanya umutekano muri Republika ya demokrasi ya Kongo

Abafatiwe ibihano ni umusirikare w’intwazangabo w’ipete rya Jenerali wo mu murwi FDLR, urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda, Appolinaire Hakizimana. Barimo kandi abasirikare 2 bakomeye bo mu murwi urwanya ubutegetsi muri Uganda, Allied Democratic Forces, barimwo uwitwa Ahmad Mahomoud Hassan. Abandi ni umuvugizi w’umurwi M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo, Willy Ngoma, umuyobozi w’umurwi w’aba Mai-Mai, CNPSC, William Amuri, hamwe n’umuyobozi w’umurwi witwaje ibirwanisho, Twirwaneho, Michel Rukunda.

Ibihano abo bantu bafatiwe vyashizwe ahabona mu nama yihutirwa y’urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, aho u Rwanda rwadomweko urutoki ko rufise uruhara mu ruhagarara ruri muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Robert Wood, intumwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe ONU, yasavye amakungu gufata ingingo zihuritwa zigenewe guhagarika ingwano muri Kongo, no kugabanya imishamirano hagati y’ico gihugu n’u Rwanda. Ivyo bihugu vyompi biragirizanya uruhara mu guhungabanya umutekano hagati yavyo. Ishirahamwe ONU, ku musi wa kabiri, yarasavye imiliyaridi 2 n’imiliyoni 600 y’amadolari agenwe gufasha Abanyekongo imiliyoni 9 bageramiwe kurusha abandi muri uyu mwaka. Muri rusangi hari abantu imiliyoni 25 bakeneye imfashanyo muri Kongo. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG