Uko wahagera

Abarundi Bane kuri Cumi Bagendana Ihahamuka Ritavuwe


Umwe mu Barundi afise ingwara yo mu mutwe
Umwe mu Barundi afise ingwara yo mu mutwe

Abarundi bane kuri cumi bagendana ihahamuka ritavuwe. Ivyo biharuro biri mu cegeranyo c’itohoza ryakozwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu hamwe n'ikigo c'igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro ISTEEBU.

Ivyo bitigiri vyavuye muri runsansuma yakozwe ku buryo bwatanzwe n’ikigo co gufashanya n’iterambere c’Abasuwisi.

Intara abantu bakozweko amatohoza kurusha izindi ni umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, umurwa mukuru wa politike Gitega, intara za Ngozi mu buraruko hamwe no mu Rumonge mu bumanuko bushira uburengero.

Ingo 2,843 ni zo zakozweko amatohoza. Ico cegeranyo kivuga ko Abarundi 64.5 kw’ijana hafatiwe kuri ico cegeranyo bagendana indwara z’ihungabana risanzwe mu gihe 47.5 bafise ihungabana n’ibimenyetso vyaryo rikabije.

Abarundi 6 kuri 10 bagendana ibimenyetso vy’ihungabana mu kibano mu gihe 4 kuri 10 bagendana ihungabana rifatiye kuri kahise ritavuwe nk’uko ico cegeranyo kibisigura.

Aya matohoza kandi agaragaza ko ibice 8.9 kw’ijana vy’Abarundi nabo bagendana ubwoba bwo kubona ibintu bibi vyigeze kubashikira vyongera kuba, baratinya guca ahari amashusho asusa n’ibintu vy’abababaje canke bibibutsa ababo babuze.

Iki cegeranyo ntikivuga imyaka ababangamiwe kurusha abandi bafise mugabo abahinga baganiriye n’Ijwi ry’Amerika bavuga ko ingero zose z’Abarundi usanga zifise abagendana iryo hahamuka.

Abaja kwa muganga kubera ico kibazo baguma biyongera nk’uko vyemezwa na Pierre Claver Njejimana, ajejwe gukurikirana abarwayi mu kigo CNPK c’igihugu kivura abarwaye indwara zo mu mutwe. Na we nyene yanonosoye ibijanye n’inyifato y’abantu. Avuga ko afatiye ku bitigiri vyo mu 2022 no mu 2023, akemeza ko hari abatari bake batagana ico kigo.

Njejimana ahanura imiryango kwitura ibigo bifise ubumenyi mu kuvura indwara zo mu mutwe, akemeza ko zikira. Gusa, yemeza ko imiti izimvye cane kugera ubu. Icizere kihari ni umugambi wa Reta wo gushira mu bitaro vyo ku mitumba no mu makomine, imiti n’ibintu vyose bishobora gufasha abagendana indwara zo mu mutwe.

Kimwe mu bintu nyamukuru abahinga bize ivyerekeye inyifato bahanura nk’umuti, ni uko abagendana ihahamuka bokwemera bagaseruka maze aho baherereye bakaronswa umuhinga abaganiriza mu mirwi, umwe wese akubahuka akavuga ivyamushikiye. Kugera ubu mu Burundi nta bahinga.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza

Abarundi Bane kuri Cumi Bagendana Ihahamuka Ritavuwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG