Uko wahagera

Burundi: Abigisha Barenga 1500 Ntibaronkejwe Umushahara w'Ukwezi kwa Mbere 2024


BYBU
BYBU

Abarimu bo mu mashure y'intango n'ayisumbuye barenga 1500 mu Burundi ntibaronkejwe umushahara wabo w'ukwezi kwa mbere 2024. Abigisha batahembwe
bavuga ko bari mu ngorane na rirya ubuzima bwazimvye mu gihugu bitewe n'uko ibiciro vy'ibintu nka vyose vyaduze. Abafashe amadeni bo bemeza ko mu kibano basigaye bafatwa nk'abahemu.

Francois Havyarimana, umushikiranganji w'indero mu Burundi avuga ko abo bigisha biketswe kuba bari ku rutonde rw'abakozi ba Reta bahembwa batakoze, fonctionnaires fictifs mu gifaransa. Yizeza ko kuva ku musi wa mbere w'indwi iza hari umurwi ujejwe igenzura uzoshwara igihugu cose kugira urabe abarimu barenganijwe batunganirizwe mu mpera z'uku kwezi kwa kabiri.

Ukudahabwa agashahara kuri abo bakozi b’ubushikiranganji bujejwe inyigisho n’indero mu Burundi ni ingaruka y’igenzura na rusansuma vyakozwe mu kwezi kwa 6 umwaka uheze wa 2023. Ico gihe hari uwundi muce utari muto w’abarimu wari wabwiye Ijwi ry’Amerika ko wamaze amezi abiri udakubise ijisho umushahara imbere y’uko batunganirizwa mu kwezi kw’icenda. Ico gihe bari 5018.

Ikibazo c’imishahara ku barimu cisubirije mu gihe kuva hagati muri 2023 basabwa gutanga intererano mu kigega cabo citwa “FLE” kijejwe inyubako z’abigisha. Cuguruye inzu ijejwe kuguranana ikora nk’ibanki.

Kuva mu kwezi kw’indwi umwaka uheze, Reta yatanguye guhemba abakozi bayo hisunzwe politike yo kunganisha imishahara. Ivyo vyarashimishije amasendika y’abarimu naho avuga ko hakirimwo utuntu two gukosora.

Kuva ico gihe, Reta yagumye yidoga ko hariho abakozi babaho ku mazina gusa kandi bama bahembwa buri kwezi batabaho. Ivuga ko amamiliyaridi indiri yahahoneye muguhemba abakozi batabaho. Mugabo nta rutonde nyezina rw’abo bakozi mu bisata bitandukanye canke amafaranga yasohotse y’imishahara yabo birashirwa ahabona kugera ubu.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera umuvugizi w’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere bijejwe ico kibazo ariko ntiyabonetse. Mugabo amwe mu masoko yacu yatuganirije mw’ibanga yatubwiye ko hari n’ibindi bisata usanga amafaranga y’abashengeye canke abaroye mu karuhuko k’izabukuru yama asohoka buri kwezi. “ Aho ayo mahera aja ntawuhazi, ni amayobera nk’ayandi ayo”, ni ko amasoko yacu asozera ashikiriza.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Burundi: Abigisha Barenga 1500 Ntibaronkejwe Umushahara w'Ukwezi kwa Mbere 2024
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG