Uko wahagera

Adrienne “ Bikira Mariya Mawe” Yakunzwe na Benshi mw’Ireresi Ninde Yitavye Imana


Nyakwigendera Adrienne Nahimana
Nyakwigendera Adrienne Nahimana

Mu Burundi, umukinyi rurangiranwa w'ireresi izwi nka " Ninde " ica kuri tereviziyo na radio vy'igihugu yitavye Imana.

Adrienne Nahimana afatwa nk'imboneza mu bakinyi b'abakenyezi mu mareresi mu Burundi. Abo bakinanye bavuga ko atari umuryango wonyene ubuze ahubwo n'igihugu kibuze intwarikazi.

Nyakwigendera Adrienne Nahimana yitavye Imana kuri uyu wa kane mw’ijoro. Yari arwariye mu gisagara c’ubutunzi i Bujumbura nk’uko Ijwi ry’Amerika ryabimenyeshejwe n’abamwegereye.

Umukenyezi Nahimana yamenyekanye kubera ubukerebutsi, ubwira n’impano yiwe yo gutwenza baba abakiri bato, abakuze mbere n’abageze mu za Bukuru baba abasirimu canke ba nyarucari.

Ireresi yamenyekanyemwo yitwa” Ninde”. Ica kuri radiyo na tereviziyo vy’igihugu. Ari mu bayuguruye muri 1981. Ku mbuga nkoranyambaga z’Abarundi cane cane, n’ibindi bihugu vyo mu karere k’ibiyagabinini ahari abantu bumvva ururimi rw’ikirundi, kuva inkuru y’urupfu rwiwe imenyekanye , abatari bake bahanahanye za videwo ziwe.

Desire Sindihebura, imvukira ya komine Giheta mu ntara ya Gitega hagati na hagati mu Burundi ahari icicaro c’abakinyi ba” Ninde”. Afata nyakwigendera bakinanye akiri umwana nk’igitangaza c’umukinyi. Ku bwiwe, nta nkeka , Adrienne Nahimana ni imboneza mu bakinyi b’ireresi mu Burundi.

Deo Hakizimana, ikindi camamare azwi ku kazina k’ubuhizi ka “Kireko’ yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ukubura Adrienne bisa n’ijuru ryubamye ku murwi wa Ninde abereye icegera c’umukuru wawo.

Adrienne Nahimana yakina ibintu vyose, hamwe yaba umupfasoni ahanura umunega wiwe n’abakiri bato. Ahandi naho yakina ari ishirasoni karuhariwe.

Mu misi y’uburwayi bwiwe yamenye mu kwa 7 umwaka wa 2018 amaze gupimwa ingeara y’igisukari, nyakwigendera yaganiririje ikinyamakuru co mu Burundi citwa Jimbere. Yakibwiye ko igikino Ninde camugiriye akamaro.

Ku rubuga rwa X ruzwi nka Twitter, Prezida Evariste Ndayishimiye yanditse agira ati” Twakiranye umubabaro mwinshi rw’umukinyi rurangiranwa w’ireresi Ni Nde, Umupfasoni Adrienne Nahimana. Uburundi burabuze intore ifise impano mu gutanga Impanuro ibicishije mu gutwenza abantu. Turahojeje umuryango wiwe w’amaraso, abakinyi b’umurwi Ni Nde n’abakunzi biwe”.

Adrienne Nahimana yari yavukiye ku musozi wa Rweru, zone Kabanga muri komine Giheta y’intara ya Gitega mu Burundi. Hari muri 1957.

Uwo mupfakazi w’abana batanu n’abuzukuru batazwi igitigiri yari yabiriwe mu kibano. Umwe mu bana yibarutse, umuhererezi yitwa Renato ni we wenyene yamutoranye umwuga.

kubera ukumenyekana cane, Adrienne yanakinishwa cane mu migambi ya Reta n’amashirahamwe yigenga cane cane mu dukino two gukangurira abantu kwitabira imigambi y’iterambere no kwirinda ingwara. Yaramamaye ku buryo amaradiyo yo hagatimu gihugu yamusaba kuyamamaza.

Fyonda hasi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza, wumve tumwe mu duce twa Ninde Nyakwigendera Adrienne yakinyemwo.

Adrienne Nahimana Yakunzwe muri Ninde Yitavye Imana
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

XS
SM
MD
LG