Uko wahagera

Uburundi Bwagiriza Leonce Ngendakumana na Agathon Rwasa Gukorana n'Imirwi y'Iterabwoba


Agathon Rwasa and Leonce Ngendakumana
Agathon Rwasa and Leonce Ngendakumana

Reta y'Uburundi iragabisha Leonce Ngendakumana yahoze atwara inama nshingamateka y'ico gihugu n'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi.

Uburundi bwagiriza Ngendakumana na CNL gukorana n'imirwi y'iterabwoba. Mw'itangazo yaraye isohoye, Reta y'Uburundi ibabwira ko "inkurikizi z'ukwiyunga n'iyo mirwi" boba barazitegurira.

Itanganzo ryateweko umukono n'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati n'umutekano, Martin Niteretse, risohotse inyuma yaho inani z'imigambwe, amashirahamwe yigenga hamwe n'umugambwe CNL, bandikiye abakuru b'ibihugu vy'akarere ka Afrika y'ubuseruko EAC n'ayandi mashirahamwe mpuzamakungu babasaba kugondoza Reta y'Uburundi, ikemera kunagura amasezerano ya Aruhsa cane cane mu kuganira n'abo batavuga rumwe harimwo n'abahunze igihugu n'imirwi yafashe ibirwanisho.


Kopi y'iryo tangazo yahawe umushikiranganji w’ubutungane, umushikirizamanza kizigenza wa Republika, umugenduzi mukuru w’igipolisi n’uwujejwe ibikorwa vy’amashirahamwe yigenga n’imigambwe.

Iryo tangazo rivuga ko umugambwe CNL wiyunze n’imirwi y’iterabwoba iri muri urwo runani rushasha rwiswe” Ihuriro ryo kunagura amasezerano ya Arusha”. Ni itangazo rigabisha cane cane uwo mugambwe ari nawo wonyene uri muri urwo runani mu yiri ku gataka k’Uburundi hamwe n’uwahoze ari umukuru w’inama nshingamateka, Leonce Ngendakumana, ko bokwibarabara ku nkurikizi zishobora kwaduka.

Imbarutso y’ibi ni ikete urwo runani rwarungikiye abakuru b’ibihugu vya EAC, umuryango w’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’igihugu ca Amerika, umunyamabanga mukuru wa ONU n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu.Hari mu ntango za kuno kwezi kwa mbere.

Urwo runani rwanditse rubasaba kugondoza Reta y’Uburundi kugira inagure amasezerano ya Arusha asa n’ayahambwe muri kino gihe kubw’abanditse bagasanga bishobora gutuma igihugu kija mu kaga.

Leonce Ngendakumana yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka akaba no mu mboneza zatumye ayo masezerano yahagaritse ingwano zari zimaze imyaka irenga 10 inyuma yo gusinywa mukwa munani 2000, yabwiye Ijwi ry’Amerika ibimenyetso yita simusiga vyatumye we na bagenzi batabaza.

Leonce Ngendakumana, yagirizwa n'Uburundi "gukorana n'imirwi y'iterabwoba"
Leonce Ngendakumana, yagirizwa n'Uburundi "gukorana n'imirwi y'iterabwoba"

Agathon Rwasa we asanga ingingo zose abategetsi baturuka ku mugambwe CNDD-FDD bamaze igihe bafata harimwo uguhagarika ibikorwa vy’umugambwe wiwe kuva mu kwa gatandatu umwaka uheze ata yindi ntego zifise atari ugushaka guhebera urubuga rwa poritike umugambwe uri ku butegetsi wonyene.

Mw’ikete ryiwe, umushikiranganji Niteretse ntavuga iyo mirwi y’iterabwoba. Mugabo avuga ko urunani barimwo rutazwi kandi rutemewe n’amategeko y’Uburundi. Ijwi ry’Amerika ryabonye urutonde rw’amahuriro n’imigambwe y’Abarundi yavukiye mu buhungiro yasinye. Havuyemwo Leonce Ngendakumana n’umugambwe CNL, abandi bose bari ku mugabane wa Bulaya kandi ntibemewe na Reta y’Uburundi.

Leonce Ngendakumana aribaza icatumye abategetsi b’Uburundi bababara kurushirizaho: kubona mubandikiwe harimwo prezida w’u Rwanda Paul Kagame, mugenzi we w’Uburundi Evariste Ndayishimye yagirije mukwa 12 guheze ko abitse imirwi y’iterabwoba igeramiye Uburundi, ivyakurikiwe n’iyugarwa ry’imipaka hagati y’Uburundi n’u Rwanda kuwa 11 uku kwezi.

Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi
Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi

Rwasa ahanura abategetsi b'Uburundi kutaba ba kananirabago, kubw’ineza y’Abarundi bose, bafatiye ku masezerano ya Arusha yatumye umugambwe CNDD-FDD uja ku butegetsi kandi nawo wafatwa nk’umuhari w’iterabwoba n’ubutegetsi bw'ico gihe. Hamwe Reta yokwica amatwi, Ngendakumana yibaza ko hashobora kuba imigumuko, ivyo atifuza.

Leonce Ngendakumana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yizeye kubona amashirahamwe n’abakuru b’ibihugu bandikiwe bagondoza Reta y’Uburundi. Yemeza ko ikete nk’iri abanyepolitike n’imigambwe bari baryanditse muri 2014, imbere y’uko umukuru w’igihugu w’ico gihe nyakwigendera Pierre Nkurunziza yitoreza ikindi kiringo cateye impari umwaka wakurikiye.

Imyiyerekano yo kuciyamiriza n’itembagazwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo vyatumye Abarundi bangana hafi n’igice c’umuriyoni bahunga igihugu, abagera kuri 1200 baricwa nk’uko ONU yabivuze.

Fyonda hasi wumve mu majwi iyi nkuru y'Umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza.

Rwasa na Ngendakumana Bagona iki ku Vyagiriji vy'Uburundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG