Uko wahagera

Burundi: Imyidogo y'Ababangamiwe n'Ibishanga vyo kw'Isoko ya COTEBU


BURUNDI PARKING COTEBU
BURUNDI PARKING COTEBU

Mu Burundi abunguruza abantu mu mabisi n’amatagisi bahagarara mu gituro co kw’ isoko ya COTEBU bunguruza abantu baja mu ntara zo mu gihugu hagati baridoga ko ico gituro kirangwamwo ivyondo bitaborohereza gukora. Basaba ko amakori batangishwa yokoreshwa mu gutunganya neza ico gituro.

Ico gituro c’amabisi n’amatagisi cuzuyemwo ibinogo biri mwo amazi mabi, n’ ivyondo umurengera. Si abunguruza abantu n ibintu gusa bidoga kubera ububi bw’ ico gituro. Abava mu ntara zo mu gihugu hagati baza i Bujumbura canke abava i Bujumbura bagana muri izo ntara bavuga ko bitaborohera kuhuririra imodokari na cane cane muri kino gihe c’ imvura.

Imwe mu miduga itura kw'isoko rya COTEBU
Imwe mu miduga itura kw'isoko rya COTEBU

Abakorera umwuga wo gutwara abantu n’ibintu mu gituro co kuri iryo soko rya COTEBU bavuga ko mu bibabaza cane, harimwo amakori y'umurengera batangishwa babwirwa ko abava ko, akabagaruka ko ariko imvugo ntijane n’ ingiro.

Kubw’ iyo mvo, abo bakoresha ivyuma vyunguruza abantu bibakura mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura bibajana mu gihugu hagati basaba ko ico gituro gitunganywa neza kigatanga ishusho ryiza ku ngenzi zivuye mu makungu.

Igituro c’amatagisi n’ amabisi kiri kw’ isoko ya COTEBU mu Burundi casubiriye icahora kiri muri zone Kamenge kw’ ibarabara ry’ igihugu inomero imwe, mu ntumbero yo gucungera umutekano w’ ikirimba c’ Umukuru w’ igihugu. Ico kirimba kikaba kiri hafi y’ iryo barabara muri komine Mutimbuzi y’ intara ya Bujumbura kuri iryo barabara rya Bujumbura Bugarama.

Si igituro co kw’ isoko ya COTEBU kitifashe neza muri kino gihe c’imvura gusa. N’abakorera mu gituro kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura baridoga ko cuzuye mwo ibinogo n’ urushanga. Basaba ko na co nyene cotunganywa neza kuko cinjiza amafaranga atari make mu kigega ca Leta.

Abakunzi b’ Ijwi ry’ Amerika ntibashoboye kuronka uwurongoye igisata kijejwe ibituro bihagararamwo ivyuma vyunguruza abantu n’ ibntu mu gisagara ca Bujumbura, kugira agire ico ashikirije ku kamo gaterwa n’ abo bagendesha ivyo vyuma.

Forum

XS
SM
MD
LG