Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yahejeje Ikiringo co Gutwara EAC Asaba Bagenzi Biwe Kumufasha mu Matati ya Kongo


Prezida Evariste Ndayishimiye mu nama ya EAC
Prezida Evariste Ndayishimiye mu nama ya EAC

I Arusha muri Tanzaniya, kuri uyu wa gatanu habereye inama igira 23 y’ibihugu 7 bigize umuryango wa EAC. Muri iyo nama, uwo muryango wa Afrika y’Ubuseruko wemereye igihugu ca Somaliya kuwinjiramwo, ubu uwo muryango ugizwe n’ibihuhugu 8.

Ikibazo gikomeye catwaye umwanya munini nk’uko babishikirije ni icerekeye umutekano muke mu buseruko bwa kongo. Uwu muryango ni wo wiyemeje gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu kurungikayo ingabo gufasha iza reta ya Kongo guhangana n’imihari y’inyeshamba harimwo M23 wigaruriye ibice bitari bike vyo mu buseruko bw’igihugu.

Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yasozereye ikiringo ciwe co gutwara EAC. Yasubiriwe n'umukuru w’igihugu ca Sudani agiye kurongora uwo muryango kuva mu mwaka uza.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, n’aho yarangije ikiringo ciwe nk’uwutwara uwo muryango, yaragenywe kuba uwurongoye utwigoro twose tw’ubuhuza mu kugarukana amahoro muri Kongo. Evariste Ndayishimiye, yasavye bagenzi we kumufasha ico gikorwa yemeza ko kitoroshe na gato.

Yamara, amwe mu mashirahamwe yigenga mu Burundi no mu karere aranegura ingene Uburundi bwagiye nk’umuhuza mu gisirikare c’akarere ka EAC ataho cegamiye, ariko bukarungika n’abasirikare gufasha uruhande rumwe mu zihanganye ari rwo igihugu ca Kongo.

Ibi biremezwa n’umuhari urwanira mu buseruko bwa Kongo, M23. Umuvugizi w’awo Willy Ngoma aheruka kubwira Ijwi ry'Amerika ko hari n’abasirikare b’Abarundi benshi bahasize ubuzima abandi bagafatwa bugwati. Ibi n’amasoko y’Ijwi ry'Amerika yaravyemeje kuko yishikiye ku maziko y’umwe mu basirikare b’intwazangabo biciwe muri Kongo.

Umuhinga muri politike y’akarere akaba n’umwarimu muri za Kaminuza, harimwo kaminuza nkuru y’U Rwanda, Ismael Buchanan, kuri micro y’Ijwi ry' Amerika abona ko ikibazo ca Kongo kidatorewe umuti vuba, kizokwegera umuriro akarere kose ico gihugu kirimwo. Ismail Buchanan ahamagarira abegwa n’ico kibazo bose gushira imbere ineza y’abanyagihugu.

Inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko igira 23 yitabiriwe n’abakuru b’ibihugu 6 ari bo Evariste Ndayishimiye w’Uburundi, William Ruto wa Kenya, Yoweri Museveni w’Ubuganda, Salva Kiir wa Sudeni y’epfo, Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya na Samia Suluhu Hassan wa Tanzaniya. Igihugu c’u Rwanda caserukiwe n’umushikiranganji wa mbere Edouard Ngirente n’ayo Kongo carungitse umushikiranganji w’ukwivuna abansi Jean Pierre Bemba.

Umukuru w’igihugu ca Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud yashimiye bagenzi we ko bamwakiriye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko, ashimangira ko bakwiye kubandanya bamufasha na we nyene kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ciwe cemerewe kwinjira muri uwo muryango.

Fyonda hasi wumve ibindi muri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Prezida w'Uburundi Yasozereye Ikiringo Ciwe co Kuyobora EAC
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:14 0:00

XS
SM
MD
LG